Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Esiteri 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umwami akuza Moridekayi kuko yamukijije abansi

1 Iryo joro nyene umwami abura itiro; aca avuga ko bazana igitabo kidonda ibigenda biba ku ngoma yiwe, nuko bagisomera umwami.

2 Basanga canditswemwo yuko Moridekayi ari we yareze Bigitana na Tereshi, babiri bo mu nkone z’umwami, bo mu bārinda umuryango, yuko bāshaka kwica umwami Ahasuwerusi.

3 Nuk’ umwami arabaza, ati Mbega Moridekayi uwo, har’ ishimwe cank’ icubahiro yahawe kubg’ ivyo? Maz’ abasuku b’umwami bahēreza baramwishura, bati Nta co yahawe.

4 Umwami arabaza, ati Ni nde ari mu rugo? Kand’ aho nyene Hamani yar’ ashitse mu ntangaro mu rugo i bgami, azanywe no gusaba umwami ngw amanike Moridekayi ku giti yamwiteguriye.

5 Abo basuku b’ umwami baramubgira, bati Hamani ni we ahagaze mu rugo. Umwami ati Ni yinjire.

6 Nuko Hamani arinjira. Umwami aramubaza, ati Mbeg’ umuntu jewe umwami nkunze guha icubahiro yokorerwa iki? Nuko Hamani yibaza mu mutima, ati Har’ uwundi umwami yokunda guha icubahiro kuruta jewe?

7 Maze Hamani abarira umwami, at’ Umuntu umwami akunze guha icubahiro,

8 bozana imyambaro y’ubgami iyo umwami ahora yambara, n’ifarasi umwami agenderako, yambitswe igitsibo c’ubgami.

9 Maz’ iyo myambaro n’iyo farasi bobiha umwe mu baganwa b’umwami asumvya abandi icubahiro, bakayambika uwo muntu umwami akunze guha icubahiro, bakamugendagendesha mu nzira yo mu gisagara ari kur’ iyo farasi, bagasemererera imbere yiwe, bat’ Umuntu umwami akunze guha icubahiro, uku ni kw azohora agirirwa.

10 Nuk’ umwami abgira Hamani, ati Bandanya wābīre imyambaro n’ifarasi nk’uk’ uvuze, ubikore urtyo kuri Moridekayi Umuyuda, yama yicara ku kirimba i bgami: ntihagire na kimwe uhaza mu vyo uvuze vyose.

11 Nuko Hamani yābīra ya myambaro na ya farasi, yambika Moridekayi, amugendagendesha mu nzira yo mu gisagara, asemererera imbere yiwe, at’ Umuntu umwami akunze guha icubahiro, uku ni kw azohora agirirwa.

12 Hanyuma Moridekayi asubira ku kirimba i bgami; ariko Hamani arihuta asubira i we, ababaye kandi yitwikiriye.

13 Maze yigānira Zereshi umugore wiwe n’abagenzi biwe bose, ivyamubayeko vyose. Nukw abahanuzi biwe na Zereshi umugore wiwe baramubarira, bati Moridekayi uwo, k’utanguye gucurangurizwa imbere yiwe, asangw’ ar’ uwo mu ruvyaro rw’ Abayuda, ntuzomushobora, arik’ uzocurangurizwa imbere yiwe nta kabuza!

14 Bakivugana na we, haza inkone z’umwami, zihuta kujana Hamani ku giturire Esiteri yari yiteguye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ