Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Esiteri 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ubukuru bga Moridekayi

1 Nuk’ umwami Ahasuwerusi atangisha ikori igihugu cose n’abo mu bizinga vyo mu kiyaga.

2 Kand’ ibikorwa vyose yakoresheje ububasha bgiwe n’ubushobozi bgiwe, bo n’amajambo adondora neza ubukuru bga Moridekayi, uburyo umwami yamushize hejuru, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Bumedi n’i Buperesi?

3 Kuk’ uwo Muyuda Moridekayi, uwar’ amurengeye yar’ umwami Ahasuwerusi gusa, kandi yar’ agahambaye mu Bayuda, yashimwa n’ab’i wabo uko bangana; kandi yama yendeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ