Esiteri 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibirori vy’umwami Ahasuwerusi 1 Ku ngoma ya Ahasuwerusi, (Ahasuwerusi uyo, ni we yaganza ibihugu ijana na mirongwibiri n’indwi, uhereye i Buhindi ugashitsa Etiyopiya), 2 ico gihe umwami Ahasuwerusi yar’ ahangamye ku ngoma yiwe ku murwa i Shushani; 3 mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe. 4 Amara imisi myinshi yerekana ubutunzi bg’ ubgami bgiwe bg’icubahiro, n’ igitinyiro c’ubugabe bgiwe bg’ agahebuza; ashitsa imisi ijana na mirongumunani. 5 Nukw iyo misi ishize, umwami atumira abantu bose bari ku murwa i Shushani, abahambaye n’ aboroshe; bamara imisi ndwi mu nyubakwa yo mu rugo rwo ku ngoro y’umwami. 6 Hāri hakinze impuzu zera n’izisa n’akatsi gatoto n’iz’ amasufe, zimanikishijwe imigozi y’ibitambara vyera vyiza n’iy’ inyambarabami, ifashwe n’impeta z’ifeza ku nkingi z’amabuye yitwa marimari; hāri n’imisegamuro yakozwe mw izahabu n’ifeza, iteretse ku musezero wa marimari nyene y’amabara y’ agahama n’ayera n’ay’ umuhondo n’ayirabura. 7 Babahēra ivyo kunywa mu mabakure y’izahabu — kand’ ayo mabakure amwe yasa ukwayo ayandi ukwayo — babaha ku biturire vy’i bgami, nk’ukw ikiganza ciza c’umwami cari kiri. 8 Kandi mur’ ukwo kunywa vyashinzwe ngo ntihagire ūgōbērwa; kuk’ umwami yari yageze abasuku biwe ng’ umuntu wese agire ukw agomba. 9 Kandi n’umwamikazi Vashiti atumirira abagore amazimano mu ngoro y’umwami Ahasuwerusi nyene. 10 Nuko ku musi ugira indwi umutima w’umwami umaze gukankamurwa na vino, abarira Mehumani na Bizita na Haribona na Bigita na Abaguta na Zetari na Karukasi, abo ukw ar’ indwi bār’ inkone zihēreza uwo mwami Ahasuwerusi, 11 ababgira kuzana umwamikazi Vashiti imbere yiwe yambaye igitsibo c’ubgami, kugira ngo yereke amahanga n’abaganwa ubgiza bgiwe, kuko yar’ umunyakaranga. 12 Arik’ umwamikazi Vashiti yanka kuza ngo yemere ijambo ry’umwami ryatumwe izo nkone: bituma umwami ashangashirwa rwose, uburake bgiwe buraziriringa. 13 Maz’ umwami aca abaza abanyabgenge bazi uko vyahora bigenda mu bihe vyashize; (kuk’ ukw ari k’umwami yahora agenza ku bazi ivyagezwe n’imanza bose). 14 Kand’ abār’ akadasohoka ku mwami bāri Karishena na Shetari na Adimata na Tarishishi na Meresi na Marisena na Memukani, abaganwa ndwi b’i Buperesi n’i Bumedi; bār’ abishikira b’umwami, bakaba n’aba mbere mu bgami bgiwe. 15 Arababaza, at’ Umwamikazi Vashiti tumugire dute mu vy’ivyagezwe, kukw atemeye ijambo natumye inkone, jewe umwami Ahasuwerusi? 16 Maze Memukani arishura, avugira imbere y’umwami n’abo baganwa, at’ Umwamikazi Vashiti ntacumuye ku mwami wenyene, acumuye no ku baganwa bose, no ku mahanga yose ari mu bihugu vyose vy’umwami Ahasuwerusi; 17 kukw ivyo umwamikazi yakoze ivyo bizokwamamara mu bagore bose, bibatere gukēngēra abagabo babo, ni vyavugwa yuk’ umwami Ahasuwerusi yageze k’umwamikazi Vashiti azanwa imbere yiwe, akanka. 18 Mber’ uyu musi abagore bacu b’i Buperesi n’i Bumedi ni bumva ivyo umwamikazi yakoze, na bo bazoca bagira bartyo abaganwa bose b’umwami. Nuko rero hazobah’ agakēngērwe kenshi n’ishavu. 19 Umwami avyemeye, hoshingwa ibgirizwa ry’umwami, maze rikandikwa mu vyagezwe vy’Abaperesi n’Abamedi, rikoya guhinduka, yuko Vashiti atazokwongera guseruka imbere y’umwami Ahasuwerusi; kandi n’icubahiro ciwe c’ubgamikazi agihe uwundi amurusha kwubaha. 20 Maz’ iteka umwami aribuce ni ryamara kwamamara mu bihugu vyiwe vyose iyo biva bikagera, abagore bose bazoca bubaha abagabo babo, abahambaye n’aboroshe. 21 Iyo nama umwami n’abaganwa barayishima; umwami abigenza nk’ukw inama ya Memukani yar’ iri. 22 Nukw arungika ivyete mu bihugu vyose vy’umwami, igihugu cose ukw inyandiko zaco ziri, n’ ihanga ryose uk’ ururimi rwaryo ruri, ng’umugabo wese yiganze mu rugo rwiwe, kandi ngo bavyamamaze mu ndimi z’abantu biwe uko zingana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi