Daniyeli 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Daniyeli yerekwa ivy’ impfizi y’intama n’impfizi y’impene 1 Mu mwaka ugira gatatu umwami Belushaza ari ku ngoma, jewe Daniyeli mbona ivyo neretswe bikurikira ivya mbere. 2 Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi. 3 Nunamuye amaso mbona impfizi y’intama ifise amahembe abiri, ihagaze hakuno y’uruzi: kand’ ayo mahembe ukw ar’ abiri yari maremare, ariko rimwe ryasumba irindi, kand’ irirerire ni ryo ryaheruka kumera. 4 Mbona iyo mpfizi y’intama igenda itwariranya, yerekeye i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko; ntihāgira igikōko gihangara kuyihagarara imbere, ntihāboneka ūshobora kugira ico ayikiza; ariko yakora uko yigombeye, ikīgira agahambaye. 5 Nkivyitegereza, mbona haje impfizi y’impene ivuye i burengerazuba, ica mw isi yose, igenda idakoza amaguru hasi; kand’ iyo mpene yar’ ifise ihembe ry’ akarangabgami hagati y’amaso yayo. 6 Iza kuri ya mpfizi y’intama y’amahembe abiri, nari nabonye ihagaze ku ruzi, irayivumbukira iri n’inkomezi zitewe n’inzigo nyinshi. 7 Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene. 8 Maz’ iyo mpfizi y’impene yīgira agahambaye bihebuje; imaze kugira ubushobozi, iryo hembe rihambaye rirakondoka; maze mu kibanza caryo hamera ayandi mahembe ane y’akarangabgami, yerekeye ibirēre bine vy’ijuru. 9 Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza. 10 Rihinduka rinini ryagamba no mu ngabo zo mw ijuru, mber’ ingabo zimwe n’inyenyeri zimwe ribishiburira hasi, rirabisiribanga. 11 Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa. 12 Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’ igicumuro. Ivy’ ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa. 13 Maze numva uwera avuga; kand’ uwundi mu bera abaza umwe yabanje kuvuga, ati Bizogeza ryari ivyerekanywe vy’ikimazi cahora gitangwa, n’ivy’ igicumuro kizanye ubugesera, gitumye ahantu hēra n’ingabo bitangwa bigasiribangwa? 14 Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka. Daniyeli asobanurirwa ivyo yeretswe 15 Nuko jewe ubganje Daniyeli mmaze kubona ivyo neretswe, ndondera uko nobitahura; mbona ikimpagaze imbere gifise ishusho nk’iy’ umuntu. 16 Maze numva ijwi ry’umuntu riturutse hagati mu ruzi Ulayi, rihamagara, riti Yewe Gaburiyeli, tahuza uwo muntu ivyo yeretswe. 17 Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo. 18 Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura. 19 Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe. 20 Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi. 21 Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere. 22 Kandi nk’uko ryakondotse, mu kibanza caryo hakamera ayandi ane, uko ni ko hazoba ubgami bune bukomoka mur’ ubgo bgoko, ariko ntibuzonganya ububasha n’ ubg’ uwa mbere. 23 Igihe ingoma yabo igira ihere, abanyabicumuro bamaze kugwira, hazovyuka umwami w’umujinya, azi guhirikana. 24 Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera. 25 Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko. 26 Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire. 27 Maze jewe Daniyeli nca ncika intege, mmara imisi ndwaye. Hanyuma mva hasi, nkora ibikorwa vy’umwami; ntangazwa n’ivyo neretswe, kandi nta wobitahura. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi