Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Daniyeli 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Igishushanyo umwami Nebukadineza yahagaritse

1 Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.

2 Nuk’ umwami Nebukadineza atuma gukoranya ivyēgēra vyiwe n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru, n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ ivyo bihugu, ngo baze guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yahagaritse.

3 Nukw ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama bakuru n’abazezwabintu n’abacamanza n’abashingantahe n’abatware bose bo mur’ izo ntāra bakoranywa no guhezagira ico gishushanyo umwami Nebukadineza yari yāhagaritse. Nuko bahagarara imbere y’ico gishushanyo yāhagaritse.

4 Umusiguzi asemerera n’ijwi rirenga, ati Yemwe moko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe, ngibi ivyo mugezwe:

5 ngo Ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse;

6 arik’ umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, mur’ ako kanya aca atererwa mw itanure ry’umuriro uhinda.

7 Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.

8 Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.

9 Babgira umwami Nebukadineza, bati Mugenzi nyaguhoraho:

10 washizeh’ icagezwe, mugenzi, kivuga ng’ Umuntu wese ni yumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, ace yikubita hasi asenge ico gishushanyo c’izahabu;

11 kandi ng’ Umuntu wese atikubita hasi ngw asenge, atererwe mw itanure ry’umuriro uhinda.

12 Nuko rero harih’ Abayuda bamwe wahaye gutwara mu gihugu c’i Babuloni, ni Shaduraka na Meshaki na Abedunego: abo bagabo, mugenzi, ntibaruha bakubara, ntibasaba imana zawe, kandi ntibasenze ca gishushanyo c’izahabu wahagaritse.


Ba Shaduraka batererwa mw itanure, ntibagira ico baba

13 Nuko Nebukadineza araraka, arashungumirwa, avuga ko bafata Shaduraka na Meshaki na Abedunego. Nuko babazana imbere y’umwami.

14 Nebukadineza atangura kubabaza, ati Mbega Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwabigize ibigirankana kudasaba imana zanje no kudasenga ico gishushanyo c’izahabu nahagaritse?

15 Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?

16 Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo.

17 Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.

18 Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse.

19 Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego: agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.

20 Nukw abarira abahizi bamwe bo mu ngabo ziwe kuboha Shaduraka na Meshaki na Abedunego, ngo babaterere mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.

21 Nuko baboha abo bagabo, uko bākambaye imyinjiro n’amakanzu n’imitamana n’izindi mpuzu bambaye, babaterera hagati mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda.

22 Maze kukw icagezwe c’umwami car’ ikibiriraho, kand’ itanure ryar’ ikibengebenge rwose, bituma ibirimi vy’ uwo muriro vyica abo bagabo bāri bateruye Shaduraka na Meshaki na Abedunego.

23 Nukw abo bagabo batatu, Shaduraka na Meshaki na Abedunego, bagwa hagati mw itanure ry’umuriro uhinda, uko bākaboshwe.

24 Maz’ umwami Nebukadineza asimbga n’umutima, ahaguruka n’ingoga; abaza abajanama biwe, ati Mbega harya ntitwatereye mu muriro abantu batatu baboshwe? Bishura umwami, bati Koko n’ abo, mugenzi.

25 Arababarira, at’ Erega ndabona abantu bane babohoye, bagendagenda mu muriro hagati, kandi nta co babaye; kand’ ishusho y’uwa kane isa n’iy’ umwana w’imana.

26 Maze Nebukadineza yīgira ku muryango w’iryo tanure ry’umuriro uhinda, ashira ijwi hejuru, ati Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano. Nuko Shaduraka na Meshaki na Abedunego baca barasohoka bava hagati mu muriro.

27 Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.

28 Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.

29 Ni co gitumye nshinga icagezwe, yuk’ umuntu wese wo mu bgoko bgose cank’ ihanga canke wo mu bavuga indimi zitari zimwe, azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, azohimbagurwa, kand’ urugo rwiwe ruzosigara ar’ itongo; kukw ata yindi mana iriho ishobora gukiza ben’ ubu buryo.

30 Maz’ umwami ashira hejuru Shaduraka na Meshaki na Abedunego mu gihugu c’i Babuloni.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ