Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Daniyeli 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uwo muntu amenyesha Daniyeli intambara zizoba hagati ya Egiputa na Siriya

1 Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.

2 Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.

3 Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.

4 Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo.

5 Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane.

6 Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe.

7 Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;

8 kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.

9 Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe.

10 Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.

11 Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.

12 Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose;

13 kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.

14 Ico gihe benshi bazokūrira hasi umwami w’i bumanuko, kand’ abantu b’ibirara bo mu bgoko bganyu bazogumuka bashitse ivyerekanywe mu nzozi, ariko bazohenuka.

15 Nuk’ umwami w’i burārūko azoza, atere ibisagara bikikijwe n’inzitiro z’amabuye zikomeye, abirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, abineshe; arikw ingabo z’uw’ i bumanuko, bo n’intōre ziwe, ntizizomushobora; ntihazoboneka inkomezi zo kumushobora.

16 Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.

17 Hanyuma azoja imigabo yo gusidukana n’ingabo z’igihugu ciwe cose; arikw azokwihanura, yiyuzuze n’uwo mwami w’i bumanuko, amushingire umukobga wiwe kugira ngw amuhondobereze: arikw iyo migabo ntizohagarara, ntizomubera ko.

18 Hanyuma y’ivyo azohindukiza amaso, atere ibizinga vyo mu kiyaga, aneshe vyinshi; arik’ umugabisha umwe azozibiza agakēngērwe yateye, mber’ azokamusubiza ku mutwe.

19 Maz’ azohindukiza amaso yerekeze mu maboma yo mu gihugu ciwe bgite; arikw azotsitara, ahenuke, ntaboneke ukundi.

20 Bukeye hazovyuka uwundi mu gishingo ciwe, azorungika umutozakori mu gihugu kirushirije kuba ciza co mu bgami bgiwe; ariko mu misi mike azokenyurwa, ata mitongano cank’ intambara.

21 Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.

22 Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.

23 Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.

24 Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye.

25 Maz’ azokwiyungunganya mu bubasha bgiwe n’ ubugabo, azogomora ingabo nyinshi atere umwami w’i bumanuko; kand’ umwami w’i bumanuko azokwitabara mu ntambara, afise ingabo nyinshi cane z’ubuhizi; ariko ntazomuhagarara mu mutwe, kuko bazomuryaruka.

26 Mber’ abazoba barya ku binōbōye vyiwe ni bo bazomufyonyora; ingabo ziwe zizotembanwa n’umuvo, benshi muri bo bahindikirane.

27 Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.

28 Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.

29 Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere.

30 Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.

31 Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.

32 Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.

33 Kand’ abari n’ubgenge bo mu bantu bazokwigisha benshi; ariko bazokwicwa n’inkota n’umuriro no gushumikwa no kuba inyagano kumara igihe.

34 Ni bakorokera mur’ ivyo vyago, bazofashwa buhoro: ariko benshi bazokwifatanya na bo mu buryarya.

35 Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.

36 Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.

37 Kandi ntazobabara imana za ba sekuruza, cank’ imana isengwa n’abagore, cank’ iyindi mana yose; kukw azokwishira hejuru gusumba zose.

38 Ariko mu gishingo cazo azokwubaha imana y’amaboma; mber’ imana ba sekuruza batigeze kumenya azoyubahisha kuyishikanira izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’ibintu vy’igikundiro.

39 Kand’ azonesha amaboma arusha ayandi gukomera, afashijwe n’iyo mana y’akavantara; abazomuninahaza bose azobongeraniriza icubahiro, abahe gutwara abantu benshi, kand’ azobasaturira ibihugu kw ingabire.

40 Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.

41 Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.

42 Nukw azoshingiriza ukuboko ibihugu bitari bimwe, kandi n’igihugu ca Egiputa ntikizokira.

43 Azoganza itunga ry’izahabu n’ifeza n’ibintu vyose vy’igiciro vyo muri Egiputa; Abalibuwa n’Abanyetiyopiya bazomukakako.

44 Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.

45 Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ