Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Amosi 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imbūri zo ku mahanga ndwi akikije Abisirayeli

1 Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.

2 Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.

3 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Damasiko, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāhūraguje i Gileyadi ibibando vy’ivyuma:

4 nuko nzokwanda umuriro inzu ya Hazayeli, utongore ingoro za Beni‐hadadi.

5 Kandi nzovunagura ibihindizo vy’i Damasiko, mpenebereze ababa mu kiyaya c’i Aveni, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe w’i Beti‐Edeni; kand’ ihanga ry’i Siriya rizokwambukanwa i Kiri ar’ inyagano, ni k’Uhoraho agize.

6 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu:

7 nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Gaza, utongore ingoro zaho;

8 kandi nzohenebereza ababa muri Ashidodi, bo n’uwitwaje icumu ry’ubugabe muri Ashikeloni; kandi nzotuma ukuboko kwanje ntere Ekuroni, maz’ amasigarira y’Abafilisitiya azohona, ni k’Umwami Uhoraho agize.

9 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.

10 Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Tiro, utongore ingoro zaho.

11 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.

12 Nuko nzokwanda umuriro i Temani, utongore ingoro z’i Bosira.

13 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.

14 Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.

15 Umwami wabo azokwambukanwa ar’ inyagano, hamwe n’abaganwa biwe, ni k’Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ