Abaroma 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uko Aburahamu yatubereye akarorero 1 None rero, ico twovuga yuko Aburahamu sogokuruza ku mubiri yaronse n’igiki? 2 Iyo Aburahamu atsindanishirizwa n’ibikorwa, aba afise ico yihaya. Arikw imbere y’Imana nta co afise. 3 Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka. 4 Yamar’ ūkora, ingero yiwe ntiharūrwa nk’ubuntu, arikw iharūrwa nk’inyishu. 5 Arik’ ūdakora, akizera Ītsindanishiriza abatāyubashe, ukwizera kwiwe guharūrwa nk’ukugororoka: 6 nk’uko Dawidi na we yavuze ubuhīrwe bg’umuntu uwo Imana iharūra nk’ūgororotse, atari kubg’ ibikorwa, 7 ati Hahirwa abāhariwe ibigabitanyo vyabo, Kand’ ivyaha vyabo bigatwikīrwa, 8 Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha. 9 Mbeg’ ubgo buhirwe buvugwa ku bākebge bonyene, canke ku batākebge na bo? Kuko tuvuga, tut’ Ukwizera kwaharūwe kuri Aburahamu nk’ukugororoka. 10 Kwāharūwe ryari? Yari yarakebge, canke ntiyaribgakebge? Ico gihe s’uko yar’ amaze gukebga, ariko ntiyaribgakebge. 11 Kand’ ahabga ikimenyetso, ni kwo gukebga, kuba ikimenyetso c’ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yar’ afise atarakebga, kugira ngw abe sekuruza w’abizera bose batākebge, ngo bibaharūrweko nk’ukugororoka; 12 kand’ abe na sekuruza w’abākebge, batākebge gusa, ariko bagera ikirenge mu c’ukwo kwizera kwa sogokuruza Aburahamu, ukwo yar’ afise, atarakebga. Ivyasezeranywe tubironkeshwa n’ukwizera 13 Kukw atari kubg’ ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’ uruvyaro rwiwe, yukw azoragwa isi yose, ariko ni kubg’ ukugororoka kuva ku kwizera. 14 Abizigira ivyagezwe iyo baba ari bo baragwa, ukwizera kuba kwarahindutse ubusa, ivyasezeranywe bikaba bititutse. 15 Kukw ivyagezwe bizana uburake, arikw ah’ ivyagezwe bitari, nta gicumuro kiba kiriho. 16 Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese, 17 mu nyonga z’Iyo yizeye (nk’uko vyanditswe, ngo Nkugize sekuruza w’amahanga menshi) ni yo Mana, izura abāpfuye, kandi yita ibitariho nk’ibiriho. 18 Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana. 19 Kandi ntiyagabanukak’ ukwizera, yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akāheze, kuko yar’ amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe, na Sara yari yaraciye. 20 Ariko yiyumviriye ic’ Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro, 21 amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora. 22 Ni co catumye bimuharūrwako nk’ukugororoka. 23 Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharūweko nk’ukugororoka, 24 ariko no kubgacu, bizoduharūrwako nka kwo, kuko twizeye Iyazuye Yesu Umwami wacu imukūye mu bāpfuye, 25 yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi