Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abaroma 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abayuda n’abo gutsindwa n’urubanza nk’abandi

1 Ni co gituma utagira ico wireguza, wewe muntu wese uhinyura uwundi. K’uhinyura uwundi, uba witsindishije; kuko wewe umuhinyura ukora bimwe n’ivy’ akora.

2 Ariko turazi yuk’ urubanza rw’Imana ar’ urw’ ukuri, urwo icira abakora ibisa birtyo.

3 Wewe ga muntu, uhinyura abakora ibisa birtyo, nawe ubikora, mbega wiyumvira yuk’ uzokira urubanza Imana ica?

4 Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?

5 Ariko kuk’ ufise umutima ukomantaye utihana, wirindiriza uburake buzoba ku musi wo kuraka, ah’ amateka abereye y’Imana azohishurirwa,

6 izokwishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.

7 Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.

8 Ariko ku bakēbana ntibumvire ivy’ ukuri, ariko bakumvira ukugabitanya, hazoba uburake no guhambarirwa

9 n’amarushwa n’ivyago ku bugingo bg’umuntu wese akora ibibi, uhereye ku Muyuda, ukageza ku Mugiriki.

10 Arik’ ubgiza n’icubahiro n’amahoro bizoba ku muntu wese akora ivyiza, uhereye ku Muyuda, ukageza ku Mugiriki,

11 kukw Imana itarobanura abantu ku cubahiro.

12 Abākoze ivyaha bose, batazi ivyagezwe, bazohona ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa; kand’ abākoze ivyaha bose bazi ivyagezwe bazotsindishwa n’ivyagezwe:

13 kukw abumvise ivyagezwe atari bo bagororoka imbere y’Imana, abāvyumviye ni bo bazotsindanishirizwa.

14 Abanyamahanga badafise ivyagezwe n’Imana iyo bakoze ibibgirizwa na vyo kubgabo, baba bihindukiye ivyagezwe naho batabifise:

15 kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwe canditswe mu mitima yabo, ijwi ryo mu mitima yabo ribgiririkanya na co, ar’ icabona cavyo, kand’ ivyo biyumvira bifatanya kubarega canke kubaregura.

16 Ni ko bizoba ku musi Imana izocira amabanga y’abantu amateka muri Yesu Kristo, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe buvuga.

17 Ko witwa Umuyuda, ukishimira ivyagezwe, ukirata Imana,

18 ukamenya ivy’ igomba, ukarobanura ibidahwana, kuko wigishijwe ivy’ ivyagezwe,

19 ukishima yuk’ ushobora kujana impumyi, kandi k’ur’ umuco w’abari mu mwiza,

20 n’umuhanūzi w’abanyabgenge buke, n’umwigisha w’utwana, kuko mu vyagezwe ufise icerekana ubgenge n’ukuri:

21 nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba?

22 Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo?

23 Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ ubicumurako?

24 Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.

25 Kuko gukebga kugira ico kukumarira, iyo witondeye ivyagezwe: arikw iy’ ucumuye ku vyagezwe, ugukebga kwawe kuba gucitse ukudakebga.

26 Non’ ūtākebge ni yitondera ibibgirijwe n’ivyagezwe, mbega kudakebga kwiwe ntikuzomuharūrwako nko gukebga?

27 Kand’ ūtākebge umubiri ni yitondera ivyagezwe, azogutsindisha, wewe ucumura ku vyagezwe, ufise inyuguti zavyo no gukebga.

28 Kuk’ Umuyuda wo ku rukoba atari we Muyuda; kand’ ugukebga kwo ku rukoba kwo ku mubiri atari kwo gukebga.

29 Arik’ Umuyuda wo mu mutima ni we Muyuda, kandi gukebga n’ukw’ umutima, n’ukwo mu buryo bg’impwemu, atar’ ukwo mu buryo bg’inyuguti: ūmeze artyo ntashimwa n’abantu, arikw ashimwa n’Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ