Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abanyefeso 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.

2 Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano,

3 kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.

4 Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.

5 Bagurano, mwumvire ba shobuja bo ku mubiri, nk’uko mwumvira Kristo, mububashe muhinda agashitsi, mutagira ubupfunya mu mitima yanyu.

6 Ntimubakorere bakibahagarikiye, nk’abanezereza abantu, ariko mubakorere nk’abagurano ba Kristo, mukora ivy’ Imana igomba bivuye ku mutima.

7 Mubakorere mushize icira, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu.

8 Kuko muzi yuk’ umuntu wese iy’ akoze iciza, azocishurwa na Shebuja mukuru, n’iyo yoba umugurano cank’ uwidegemvya.

9 Namwe ba shebuja, mubagirire murtyo nyene, mwirinde kubakangisha, kuko muzi yuko Shobuja musangiye ari mw ijuru, kandi ntarobanura abantu ku butoni.


Ibirwanishwa vy’Umukristo

10 Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.

11 Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi.

12 Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.

13 Kubg’ ivyo mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.

14 Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza,

15 mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza;

16 kandi hamwe n’ivyo vyose mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro.

17 Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry’Imana:

18 musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.

19 Kandi nanje nyene munsengere, kugira ngo mpabge insiguro uko mvuze kwose, mmenyekanishe nshize amanga ibanga ry’ubutumwa bgiza,

20 kuko nd’ intumwa yabgo iboheshejwe umunyororo, nsigure ivyabgo nshize amanga, nk’uko bimbereye kuvuga.


Amajambo yo guherezako

21 Kandi Tukiko, mwene Data nkunda, umukozi w’umwizigirwa mu vy’Umwami wacu, azobīgānira vyose, kugira ngo mumenye ivyanje, uko mmeze.

22 Ni we mbatumyeko kubg’ ivyo nyene, ngo mumenye ivyacu, kandi ngw aremeshe imitima yanyu.

23 Amahoro abe muri bene Data, n’urukundo rufatanije n’ukwizera, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.

24 Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ