Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Aroni atangura igikorwa c’ubuherezi

1 Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;

2 abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.

3 Kandi barira Abisirayeli, uti Ni mujane isuguru y’impene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bo n’imasa n’umwana w’intama, vyompi bimaze umwaka, kandi bitagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa;

4 n’impfizi y’inka n’impfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe, vyo gukererera imbere y’Uhoraho; bo n’ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo; kuk’ uyu musi Uhoraho agira abiyereke.

5 Nuko bazana ivyo Mose yageze imbere y’ihema ry’ibonaniro; ikoraniro ryose ryīgira hafi, rihagarara imbere yo Uhoraho.

6 Mose aravuga, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze ko mukora, maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera.

7 Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.

8 Nuko Aroni yegera igicaniro, akerera iyo shuri yitangiriye kw ikimazi c’ivyaha.

9 Abana biwe bamuhēreza amaraso, ayajōbekamw’ urutoke, ayasīga ku mahembe y’igicaniro, ayandi ayavyagiza hasi hambavu y’igicaniro:

10 arikw ibinure, n’amafyigo, n’agashami gatoya k’igitigu vy’ico kimazi gitangiwe ivyaha, avyosereza ku gicaniro, nk’uk’ Uhoraho yari yarageze Mose.

11 Maz’ inyama zaco n’urusāto abituririra inyuma y’aho bashagaje.

12 Araheza akerera ikimazi co kwoswa; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose.

13 Maze bamuhēreza ivy’ ico kimazi, bamuha ibice vyaco kimwe‐kimwe bo n’ umutwe waco, avyosereza ku gicaniro.

14 Aronga amara yaco, n’ibikenye vy’amaguru, aravyosa, abigeretse ku vy’ico kimazi coshejwe kiri ku gicaniro.

15 Maz’ azana ibimazi abantu batanze; yābīra impene y’ikimazi co gutangirwa ivyaha vy’abantu, arayikerera, ayitanga kubg’ ivyaha, nk’uko yatanze ca kimazi ca mbere.

16 Azana n’ikimazi co kwoswa, agitanga nk’uko vyagezwe.

17 Azana n’ishikanwa ry’ ifu, ayikamatak’ urushi rumwe, ayosereza ku gicaniro, ayongeye ku kimazi coshejwe co mu gitondo.

18 Kand’ akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama kw ikimazi c’ishimwe gitangiwe abantu; abana biwe bamuhēreza amaraso, ayamijagira ku gicaniro impande zose;

19 bamuhēreza ibinure vy’iyo mpfizi, n’ivy’ iyo mpfizi y’intama, n’umurizo uko wagahometsekw ibinure, n’urubambanda, n’amafyigo, n’udushami dutoya tw’ibitigu;

20 bafasha ivyo binure ku nkoro z’ivyo bimazi; araheza yosereza ivyo binure ku gicaniro,

21 izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.

22 Maze Aroni aterura amaboko, atumbereye abantu, arabahezagira; araheza arururuka, ava aho yatangiye ca kimazi catangiwe ivyaha, na ca kimazi coshejwe, na ca kimazi c’ishimwe.

23 Maze Mose na Aroni binjira mw ihema ry’ ibonaniro, baraheza barasohoka, bahezagira abantu; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera abantu bose.

24 Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ