Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyaha bimwe bo n’ibimazi bitangirwa

1 Ni babarahiza mw ikoraniro, umuntu akavyumva, agaheza agakora icaha co guhora ico yabonye n’ico azi, azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.

2 Canke ni hagira umuntu akora ku kintu kizira ic’ ari co cose, namb’ ar’ umuvyimba w’igikōko kizira, cank’ umuvyimba w’igitunzwe kizira, cank’ umuvyimba w’icikwega hasi kizira nyene, ariko ntabimenye, agahumana, kizoba kimubereye icaha.

3 Canke ni yaramuka akoze ku gihumanya giherereye ku muntu, ic’ ari co cose, ntabimenye, ni yabimenya, kizoba kimubereye icaha.

4 Canke ni hagira umuntu atantamukana indahiro y’ico agira akore, ari kibi, ari ciza, atavyiyumviriye, ic’ ari co cose umuntu yotantamukanira indahiro, hanyuma ni yabimenya, ico kintu kizoba kimubereye icaha.

5 Nuk’ umuntu ni yaramuka atsinzwe na kimwe mur’ ivyo bidōnzwe, aze yature icaha yakoze,

6 anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.

7 Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.

8 Abizanire umuherezi, na we atangurire ku kimazi gitangirwa ivyaha, akinuse umutwe, arik’ umutumba waco ntawusature ngw awahukanye.

9 Yābīre ku maraso y’ico kimazi gitangirwa ivyaha, ayacucagire ku gicaniro ku ruhande rwaco rumwe; ayandi maraso ayamiminurire hasi hambavu y’igicaniro: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.

10 Ica kabiri agitange kw ikimazi co kwoswa nk’uko bishinzwe. Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze, na we azoharirwa.

11 Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.

12 Aheze ayizanire umuherezi, na we ayikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso cayo, ayosereze ku gicaniro, ayishize ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’ umuriro: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.

13 Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Ibindi bimazi vy’impongano

14 Uhoraho abarira Mose,

15 ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.

16 Kand’ az’ arihe ico kintu yafuditseko co mu vyera, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, abishīre umuherezi: uwo muherezi az’ amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, na we azoharirwa.

17 Kandi ni hagira umuntu akora icaha, agakora na kimwe mu vyo nabuzanije; naho yoba agikoze atabizi, aba atsinzwe, kand’ azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.

18 Az’ azanire umuherezi impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ibe ikimazi c’ impongano. Uwo muherezi az’ amuhongere kur’ ico kintu yacumuye atabigize ibigirankana, atabizi, na we azoharirwa.

19 Ico kizoba ar’ ikimazi c’impongano: n’ukuri koko, azoba yaratsinzwe imbere yanje.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ