Abalewi 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibimazi vyo gutangirwa ivyaha: 1. Ic’ umuherezi 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo; 3 namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha. 4 Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje. 5 Uwo muherezi yarobanujwe amavuta, aheze yābīre ku maraso y’iyo masa, ayazane mw ihema ry’ibonaniro: 6 ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu gikingiriye Ahēra cane. 7 Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw imibavu itamirana, kiri mw ihema ry’ibonaniro imbere yanje; ayandi maraso yose y’iyo masa ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 8 Kand’ iyo masa y’ikimazi gitangiwe ivyaha, az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose: urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara, 9 n’amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, ahahereranye n’umurya, n’agashami gatoya k’igitigu, agakūrane n’amafyigo, 10 babikūre nk’uko nyene bahora babikūra ku masa y’ikimazi c’ishimwe; uyo muherezi avyosereze ku gicaniro co kwoserezakw ibimazi. 11 Kand’ urusato rw’iyo masa, n’inyama zayo zose, hamwe n’umutwe wayo, n’ibikenye vy’amaguru, n’amara yayo, n’amayezi yayo, 12 ivy’ iyo masa vyose iyo biva bikagera, abijane inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, aho basēsa umunyota, abigereke ku nkwi, abiturire; ah’ umunyota usēswa abe ari ho bituririrwa. 2. Ic’ ikoraniro ryose 13 Kand’ ikoraniro ryose ry’ Abisirayeli ni ryaramuka ricumuye, ritabigize ibigirankana, ntibabimenye, bakoze mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, bakikwegera gutsindwa n’urubanza; 14 igicumuro bacumuye ni camenyekana, iryo shengero rize ritange imasa y’umukangara kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, bayizane imbere y’ihema ry’ibonaniro. 15 Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje. 16 Maz’ umuherezi yarobanujwe amavuta az’ azane ku maraso y’iyo masa mw ihema ry’ibonaniro, 17 ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu. 18 Kur’ ayo maraso nyene ayasīge ku mahembe y’igicaniro kir’ imbere yanje mw ihema ry’ibonaniro; ayandi maraso yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro. 19 Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro. 20 Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa. 21 Aheze ajane ivy’ iyo masa inyuma y’aho mushagaje, abiturire nk’uko yaturiye ivy’ imasa ya mbere: ico kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha vy’ ishengero. 3. Ic’ abakuru b’iryo shengero 22 Umukuru ni yakora icaha, akagira ico akora mu vyo jewe Uhoraho Imana yiwe nabuzanije vyose, atabigize ibigirankana, akikwegera gutsindwa n’urubanza; 23 icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane isuguru y’impene itagira agasembga kw ikimazi ciwe. 24 Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha. 25 Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro. 26 Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa. 4. Ic’ abantu buntu 27 Ni hagira umuntu mu banyagihugu akora icaha atabigize ibigirankana, mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, akikwegera gutsindwa n’urubanza; 28 icaha yakoze amaze kukimenyeshwa, az’ azane impene kw ikimazi ciwe, y’ishashi itagira agasembga, yo gutangirwa icaha ciwe yakoze. 29 Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa. 30 Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso yaco, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro. 31 Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa. 32 Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga. 33 Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa, kibe ikimazi gitangiwe ivyaha. 34 Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco yose ayavyagize hasi hambavu y’igicaniro. 35 Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi