Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ itara ryo mw ihema

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Abisirayeli bakuzanire amavuta y’umwisengesure avuye muri elayo zisekuwe, ya ya matara, kugira ngo haze hame har’ itara ryaka.

3 Inyuma ya ca gihuzu gikingiriye vya Bishinga intahe, mw ihema ry’ibonaniro, az’ abe ari ho Aroni azokwama aritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo ubudasība: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.

4 Aze yame atunganiriza ayo matara kur’ ico gitereko c’izahabu iramuye, kugira ngo yame yakira imbere yanje ubudasiba.


Ivy’imitsima y’ibiterekerwa

5 Kandi wābīre ifu igogōretse, uyicumbemw’ imitsima cumi n’ ibiri: mu bigiracumi bibiri vy’ ingero yitwa efa havemw’ umutsima umwe‐umwe.

6 Uyigire ibirundo bibiri kuri ya meza y’izahabu iramuye ar’ imbere yanje, mu kirundo kimwe habemw’ itandatu, mu kindi kuno.

7 Ku kirundo kimwe ugerekekw imibavu itunganye, ku kindi kuno, ibe icibutso kur’ iyo mitsima, ishikanwa nshikaniwe ryo gutōngōrwa n’umuriro.

8 Ukw isabato itashe, Aroni az’ ayitereke imbere yanje na ntaryo kubg’ Abisirayeli, bibe isezerano ritazoshira.

9 Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Ivy’ umuntu yatutse izina ry’Uhoraho

10 Umuhungu w’Umwisirayelikazi yavyaranye n’Umunyegiputa arasohoka, aja mu Bisirayeli; atonganira mu nsago n’umuntu w’ Umwisirayeli.

11 Uwo muhungu w’Umwisirayelikazi arogota kuri rya Zina, ararituka: bamuzanira Mose. Nyina yitwa Shelomiti, mwene Diburi, wo mu muryango wa Dani.

12 Baramwugarana kugeza igihe baja kubgirwa ivyo Uhoraho aribushinge.

13 Uhoraho abarira Mose,

14 ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.

15 Nawe ubarire Abisirayeli, yuk’ umuntu wese azontuka, jewe Imana yiwe, azogībgako n’icaha ciwe.

16 Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.

17 Ūzokubita umuntu akamutsindaho, na we ntaz’ abure kwicwa;

18 ūzokubita igitunzwe, akacica, az’ akirihe: igifise ubugingo kirihwe ikindi.

19 Umuntu ni yatera agasembga uwundi, bamugirire nk’uko yamugiriye.

20 Imvune ihōrwe iyindi, n’ijisho rihōrwe irindi, n’iryinyo rihōrwe irindi: ukw azoba yateye uwundi agasembga, abe ari kw asubirizwa mu nkōko.

21 Ūzokwica igitunzwe akirihe; ūzokwica umuntu na we yicwe.

22 Muze mugire icagezwe kimwe ku munyamahanga ar’i wanyu no ku mvukira: kuko jewe nd’ Uhoraho Imana yanyu.

23 Nuko Mose abarira Abisirayeli, bajana uwatukanye inyuma y’aho bashagaje, bamwicisha amabuye. Abisirayeli bakora nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ