Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingen’ umuherezi atemerewe kurya ku vyera agihumanye

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Aroni n’abana biwe baze bitonde mu kwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikanira, boye gutukisha izina ryanje ryera: nd’ Uhoraho.

3 Ubabarire yuk’ umuntu wese wo mu ruvyaro rwabo azokwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikaniye, ahumanye, uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana, uwo muntu az’ arandurwe, akūrwe imbere yanje: nd’ Uhoraho.

4 Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;

5 cank’ ūzokora ku kanyonyera ak’ ari ko kose, ar’ akomuhumanya, canke ku muntu, ar’ uwomuhumanisha ubuhumane ubg’ ari bgo bgose;

6 ūzokora ku bimeze birtyo azoba ahumanye arinde ashitsa ku mugoroba; ntaz’ arye kur’ ivyo vyejejwe, shit’ abanje kwiyuhagira.

7 Izuba ni ryamara kurenga azoba ahumanutse; ni h’azobona kurya ku vyejejwe, kukw ivyo ari vyo vyar’ indya ziwe.

8 Icipfiriye cank’ ikirangara, ntaz’ agire ico arya muri vyo ngw acihumanishe: nd’ Uhoraho.

9 Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Abandi bemererwa kurya ku vyejejwe

10 Ntihaze hagire ūtar’ uwo mu baherezi arya ku kintu cejejwe; umushitsi arāriye umuherezi, cank’ umucangero, ntaz’ arye ku kintu cejejwe.

11 Umuherezi ni yaramuka yaraguze umuntu, akaba uwo yiguriye amahera yiwe, uyo we azobiryako; n’abavukiye mu rugo rwiwe na bo bazorya ku vyo kurya vyiwe.

12 Umukobga w’ umuherezi ni yābīrwa n’ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ arye ku vyejejwe vyashikanywe.

13 Arik’ umukobga w’umuherezi apfakaye canke yirukanywe, atagira umwana, akaba igisubiramuhira mu rugo kwa se, akamera nk’uko yahoze mu bgana bgiwe, we azorya ku vyo kurya vya se: arik’ ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ abiryeko.

14 Umuntu ni yaramuka ariye ku kintu cejejwe atabizi, az’ akirihe, asubize umuherezi ikingana n’ico kintu cejejwe yariye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco.

15 Kand’ abaherezi ntibaze bahumanye ivyejejwe Abisirayeli banshikaniye,

16 bigatuma babacumuza, bikabazanira gutsindwa, iyo hagize abarya ku vyejejwe vyabo: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Uko vyabuzanijwe gutanga ikimazi gifise agasembga

17 Uhoraho abarira Mose,

18 ati Barira Aroni n’abana biwe, n’Abisirayeli bose, yuk’ umuntu wese wo mu b’inzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azoha jewe Uhoraho ikimazi co kwoswa, ar’ ico gushitsa isezerano ryiwe, ar’ ico atanze avyigombeye,

19 az’ atange ishuri cank’ isuguru y’intama cank’ iy’ impene, kugira ngw abone kwemerwa.

20 Arikw igifise agasembga cose ntimuze mugitange, kuko kitazokwemerwa ko mushikanye.

21 Umuntu wese azotanga ikimazi c’ishimwe, akakimpa jewe Uhoraho ngw ashitse isezerano ryiwe, canke kikaba ico atanze avyigombeye, ar’ ico akūye mu busho canke mu mukuku, kize kibe ciza kugira ngo cemerwe: ntihaze hagire agasembga kibonekako.

22 Ntihaze hagire impumyi, cank’ ikivunitse, cank’ icakomerekejwe, cank’ igifise igisebe, cank’ ikirwaye umwirye, cank’ ubushita, muzonshikanira muri ben’ ivyo, canke ngo mugitange kw ishikanwa munshikaniye jewe Uhoraho, ngo gitōngōrwe n’umuriro ku gicaniro.

23 Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.

24 Igifise amavya yahomberanye canke yamenetse canke yajanjaguritse canke yashahuwe, ntimuze mukinshikanire, jewe Uhoraho; ntimuze mugenze murtyo mu gihugu canyu.

25 N’iyo coba kizanywe n’umunyamahanga, ntimuze mwemere ikimeze girtyo na kimwe, ngo mukinshikanire kw imfungurwa, jewe Imana yanyu; ntikizokwemerwa ko mushikanye, kuko gitosekaye, kikabakw agasembga.


Ibindi vyagezwe vyo ku bimazi

26 Uhoraho abarira Mose,

27 at’ Ishuri ni yavuka, cank’ umwagazi w’intama canke w’impene, iz’ imarane na nyina imisi ndwi; uhereye umusi ugira umunani yoshobora kwemerwa kuba ikimazi nshikanirwa jewe Uhoraho, gitōngōrwa n’umuriro.

28 Kand’ inka cank’ intama, ntimuze muzibāgane n’izazo ku musi umwe.

29 Kandi ni mwampa ikimazi co gukenguruka, mugitange uburyo butuma mwemerwa.

30 Kize kiribge kur’ uwo musi nyene mugitanzeko; ntihaze hagire ico musigaza ngo kirāre: ni jewe Uhoraho.

31 Nuko muze mwitondere ivyagezwe vyanje, mubishitse: ni jewe Uhoraho.

32 Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,

33 nabakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ