Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ amashikanwa y’amafu

1 Ni hagira umuntu azonshikanira ishikanwa ry’ifu, az’ ashikane īgogōretse; ayisukekw amavuta ya elayo, ayishireko n’ imibavu.

2 Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.

3 Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.

4 Kandi ni mwashikana ishikanwa ry’ivyokejwe mu ziko vyakozwe mw ifu, bize bibe udutsima tutambiwe twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, cank’ udutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta ya elayo.

5 Kand’ ishikanwa ryanyu ni ryaba iry’ ivyakaranzwe ku cuma vyakozwe mw ifu, bize bibe ivyakozwe mw īgogōretse, ata mwambiro, vyacumbanywe n’amavuta ya elayo.

6 Mubicemw’ utumanyu, mudusukekw amavuta ya elayo: iryo rizoba ribaye ishikanwa ryo mw ifu.

7 Kand’ ishikanwa ryanyu ni ryaba iry’ ivyakaranganywe n’amavuta, vyakozwe mw ifu, bize bibe ivyakozwe mw īgogōretse, vyacumbanywe n’amavuta ya elayo.

8 Muze munzanire ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu, ryakozwe mur’ ubgo buryo; rishīrwe umuherezi, na we arizane ku gicaniro.

9 Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.

10 Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.

11 Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.

12 Ivyo mushobora kubinshikanira nk’ishikanwa ry’umushuzo, ariko ntibize bishirwe ku gicaniro kuba nk’umubabge umota neza.

13 Kand’ ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu muzoshikana muze mubirunge umunyu; ntimuze mugire ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu mushikana ritarimw’ umunyu, kand’ ari wo kimenyetso c’isezerano ryanje, Imana yanyu: ivyo muzotanga vyose muze mubitangane n’umunyu.

14 Kandi ni mwanshikanira ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ivuye mu vy’umushuzo, rize ribe iry’ igihonde c’impeke mbisi, zivuye mu mishi ikigenywa, zikaranze.

15 Mugisukekw amavuta ya elayo, mukigerekeko n’imibavu: iryo rizoba ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu.

16 Umuherezi aheze akūre kuri ryo ikizoba icibutso caryo, acōse, ni co gace k’ico gihonde c’impeke, n’ak’ ayo mavuta yazo, bo n’iyo mibavu yazo yose; iryo rizoba ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ