Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ah’ ibimazi bikwiye gukerererwa

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Barira Aroni n’abana biwe n’Abisirayeli bose, ut’ Ibi ni vyo ashinze:

3 Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli azobāgira inka cank’ umwana w’intama cank’ impene aho mushagaje, cank’ inyuma yaho,

4 atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ngw akinshikanire kw ishikanwa, imbere y’ihema ryanje, uwo muntu azogībgako n’ayo maraso: mber’ azoba avishije amaraso: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.

5 Ivyo n’ukugira ngw Abisirayeli baze bazane ibimazi vyabo, ivyo bahora batangira mu gahinga, babinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, babihe umuherezi, babinshikanire kw ibimazi vy’ishimwe.

6 Uwo muherezi aheze amije amaraso ku gicaniro canje kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, yose ibinure ngo bibe umubabge ummotera neza.

7 Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

8 Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,

9 atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kukinshikanira, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ukw amaraso yabuzanijwe

10 Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.

11 Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.

12 Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso, ar’ uwo muri mwebge, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.

13 Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.

14 Kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco; ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntimuze mwigere mugeza mu kanwa icitwa amaraso y’icaremwe ic’ ari co cose, kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco: ūzoyageza mu kanwa wese az’ acibge.

15 Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.

16 Ariko n’atazimesura, ntiyiyuhagire, azogibgako n’ibigabitanyo vyiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ