Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Abalewi 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyagezwe vyo ku bihumanya biva mu mibiri y’abantu

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni,

2 ati Mubarire Abisirayeli, mut’ Umugabo wese ni yagira igisokoro mu mubiri wiwe, azoba ahumanye kubg’ ico gisokoro ciwe.

3 Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye.

4 Uburiri bgose umunyagisokoro aryamyeko buzoba buhumanye, n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye.

5 Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

6 Ūzokwicara ku kintu na kimwe umunyagisokoro yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

7 Ūzokora ku mubiri w’umunyagisokoro, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

8 Kand’ umunyagisokoro ni yacira amate, agakorokera k’ūdahumanye, uyo az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

9 Icicaro cose c’ikigenderwako umunyagisokoro azokwicarako kizoba gihumanye.

10 Ūzokora ku kintu na kimwe cari musi yiwe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba; kand’ ūzoterura ivyo, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

11 Kand’ umunyagisokoro ni yakora ku muntu adakaravye, uwo az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

12 Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.

13 Kand’ umunyagisokoro ni yagera guhumanurwa igisokoro ciwe, az’ aharūre imisi ndwi yo guhumanurwa, amesure impuzu ziwe; yiyuhagire mu mazi yavomwe mu mbizi, abone guhumanuka.

14 Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abizane imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, abihe umuherezi;

15 uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.

16 Kand’ intanga z’umugabo ni zamuvamwo, aze yiyuhagire umubiri wose, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

17 Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba.

18 Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.

19 Kand’ izinamukobga ni yaja mu mihango yiwe, az’ amare imisi ndwi mu miziro yiwe: ūzomukorako wese azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.

20 Ikintu cose azoryamako akiri mu miziro yiwe kizoba gihumanye, n’ico azokwicarako cose kizoba gihumanye.

21 Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

22 Ūzokora ku kintu na kimwe yicayeko, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

23 Uhereye ku buriri bgiwe, canke ku kintu cose yicayeko, ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.

24 Kandi ni hagira umugabo aryamana na we, imiziro yiwe ikamwanduza, uwo mugabo azoba ahumanye kumara imisi ndwi: uburiri bgose azoryamako buzoba buhumanye.

25 Umukobga cank’ umugore ni yamara imisi myinshi ari mu mihango yiwe mu gihe kitari co, canke ni yarenza imisi yiwe, imisi yose azomara mu miziro, az’ abe nk’uko yahora ari mu miziro yiwe; azoba ahumanye.

26 Uburiri bgose azoryamako mu misi yose yo guhumana kwiwe, buze bumubere nk’ubgo yaryamyeko mu misi y’imiziro yiwe; n’ikintu cose azokwicarako kizoba gihumanye nk’icari gisanzwe gihumanywa n’ iy’ ari mu miziro.

27 Ūkoze kuri vyo wese azoba ahumanye; az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

28 Ariko ni yaramuka ageze guhumanurwa ubgo buhumane bgamuvuyemwo, az’ aharūre imisi ndwi, hanyuma abone guhumanuka.

29 Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro;

30 uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ ubuhumane bgiwe.

31 Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.

32 Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ umunyagisokoro, n’ivy’ ūvubgamwo n’intanga ziwe, bikamuhumanya;

33 n’ivy’ umukobga cank’ umugore arwaye ubutinyanka, n’ ivy’ ūvubgamwo n’ibimuhumanya wese, ar’ umugabo ar’ umugore, n’ivy’ umugabo arāranye n’umugore ahumanye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ