Abalewi 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uguhumana kw’ umugore ari mu kiriri 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugore ni yasama inda, akavyara umwana w’umuhungu, az’ amare imisi ndwi ahumanye: nk’uko bimubera iy’ari mu muhango w’imiziro yiwe, ni kw azoba ahumanye. 3 Ku musi ugira umunani uwo mwana az’ akebge. 4 Nyina az’ amare imisi mirongwitatu n’itatu abone guhumanurwa, avuye mu maraso yiwe; ntaz’ akore ku kintu cera na kimwe, canke ngw ashike ahantu hēra, gushitsa ah’ imisi y’uguhumanurwa kwiwe izoshirira. 5 Na ho ni yavyara umwana w’umukobga, az’ amare amayinga abiri ahumanye, nk’uko bimubera iy’ ari mu miziro yiwe; az’ aheze amare imisi mirongwitandatu n’ itandatu abone guhumanurwa, avuye mu maraso yiwe. 6 Imisi y’uguhumanurwa kwiwe ni yaramuka ishize, yo ku muhungu canke ku mukobga, az’ azane umwagazi w’intama utarengeje umwaka kw ikimazi co kwoswa, n’icana c’inuma cank’ intunguru, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, abizanire umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: 7 na we aheze abitangire aho nyene imbere yanje jewe Uhoraho, amuhongere; uwo mugore ni ho azoba ahumanuwe isōko y’amaraso yiwe. Ico ni co cagezwe c’umugore avyaye, namba yoba avyaye umuhungu cank’ umukobga. 8 Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi