Abalewi 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ibizira n’ibitazira 1 Uhoraho abarira Mose na Aroni, 2 ati Mubarire Abisirayeli, muti Mu bikōko vyose, ibi ni vyo mwemererwa kurya mu bigenda vyose vyo mw isi: 3 igifise inzāra cose ziri n’umwanya hagati, kikagira inzāra kubiri, kigatako kikūza, ico ni co mwemererwa kurya mu bigenda. 4 Ariko mu vyūza no mu bifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ivyo mutemerewe kurya n’ibi: ingamiya, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, iyo n’ igihumanya kuri mwebge. 5 N’ inkezi, kuko naho yūza ariko ntigira inzāra ziri n’umwanya hagati, na yo n’igihumanya kuri mwebge. 6 N’urukwavu, kuko naho rwūza ariko ntirugira inzāra ziri n’umwanya hagati, na rwo n’igihumanya kuri mwebge. 7 N’ ingurube, kuko nah’ ifise inzāra ziri n’umwanya hagati, ikagira inzāra kubiri, ariko ntiyūza, na yo n’igihumanya kuri mwebge. 8 Inyama zavyo ntimuze muzirye, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko: n’ibihumanya kuri mwebge. 9 Ibi ni vyo mwemererwa kurya mu biba mu mazi vyose: ibiba mu mazi, mu biyaga no mu nzūzi, bifise amababa n’ibigaragamba, ivyo ni vyo mwemererwa kurya. 10 Ibidafise amababa n’ ibigaragamba vyo mu biyaga no mu nzūzi, ibigendera mu mazi vyose, ibifise ubugingo vyose biba mu mazi, n’umuziro kuri mwebge. 11 Bize bihore biba umuziro kuri mwebge; ntimuze mwigere murya ku nyama zavyo, kand’ imivyimba yavyo muze muyigire umuziro. 12 Ico mu mazi cose kitagira amababa n’ibigaragamba kize kibe umuziro kuri mwebge. 13 Ibi az’ abe ari vyo mugira umuziro mu bisīga; ntibize vyigere biribga, n’ibizira: inkukuma, n’itarangabo, na oziniya; 14 n’ ikinyamwanira, n’inkōna, ukw amoko yavyo ari; 15 n’icitwa igikōna cose, ukw amoko yavyo ari; 16 n’imbuni, na tamasi, na shakafu, n’agaca, ukw amoko yavyo ari; 17 n’igihuna, na shalaki, n’inyanana; 18 na tinishemeti, n’ inkongori, n’ikinyakabaka; 19 na sarumfune, n’agasōza, ukw amoko yavyo ari, na samunsure, n’ agahungarema. 20 Udukōko twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge. 21 Arikw ivyo mwemererwa kurya muri two n’ibi: udufise amaguru maremare akonye ahahera hejuru y’ibirenge, yo kugenda dutarukisha hasi. 22 Utwo mwemererwa kurya muri two n’uruzige, nk’ukw amoko yazo ari, n’utundi tumeze nka rwo twitwa solamu na harugoli na hagabu, nk’ukw amoko yatwo ari. 23 Arik’ utundi twose tw’amababa tunyonyera, tugendesha amaguru ane, n’umuziro kuri mwebge. 24 Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba; 25 kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 26 Ikigenda gifise inzāra ziri n’imyanya hagati cose, arikw inzāra zitari kubiri rwose, kigatako nticūze, n’igihumanya kuri mwebge; uwogikorako wese yoba ahumanye. 27 Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 28 Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge. 29 Ibi ni vyo bihumanya kuri mwebge mu binyonyera bigenda hasi: igikara, n’imbeba, bo n’imburu nk’ukw amoko yazo ari; 30 n’ icūgu, n’ikivumbura, n’umuserebanyi, n’agacamano, n’uruvu. 31 Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 32 Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse. 33 Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena. 34 Ibirībga vyose vyosukwakw amazi yo muri co, vyoba bihumanye: kand’ ico kunywa cose coba mu kintu ben’ ico cose coba gihumanye. 35 Ikintu cose cokorokerwako n’icavuye ku muvyimba wavyo coba gihumanye; ar’ iziko cank’ amashiga, coba gikwiye kumenagurwa; ivyo n’ ibihumanya, kandi bizoba ibihumanya kuri mwebge. 36 Mugabo icokorokera mw isōko canke mu rwobo rwimbiwe kubīkamw’ amazi, akadengēramwo, yo ntiyoba ahumanye; arik’ uwokora ku muvyimba wavyo wakorokeyemwo yoba ahumanye. 37 Kandi ni hagira ico ku muvyimba wavyo cogwa mu mbuto zo kubibga iz’ ari zo zose, zo ntizoba zihumanye. 38 Ariko namb’ izo mbuto zīnitswe mu mazi, icavuye ku muvyimba wavyo kikazigwamwo, zizoba igihumanya kuri mwebge. 39 Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba. 40 Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. 41 Kand’ ikinyonyera cose kinyonyera hasi n’ikizira: ntikize cigere kiribga. 42 Igikwega inda hasi cose, n’akagendesha amaguru ane kose, n’akagendesha ubuguru bginshi, mber’ utunyonyera twose tunyonyera hasi, ntimuze mwigere muturya, kukw ar’ ibizira. 43 Ntimuze mwiyandurishe ak’ ari ko kose ko mu tunyonyera, ntimuze muvyihumanishe ngo bibanduze. 44 Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi. 45 Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera. 46 Ivyo ni vyo vyagezwe vyo ku bikōko no ku bitunzwe, no ku bisīga, no ku bifise ubugingo vyose bigendera mu mazi, no ku turiho twose tunyonyera hasi; 47 vyo gutandukanya igihumanya n’ikidahumanya, n’icoribga mu bigenda n’ikitoribga. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi