Abaheburayo 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Impanūro 1 Ugukunda bene Data ni kugumeho. 2 Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi. 3 Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri. 4 Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka. 5 Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta. 6 Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki? Kugamburukira abaganza 7 Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo. 8 Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira. 9 Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi. 10 Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema batemererwa kurīrako. 11 Kukw imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahēra kuba impongano y’ivyaha, ituririrwa inyuma y’insago. 12 Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso. 13 Nuko tuve mur’ izo nsago, tumusange inyuma yazo, twiremētse ugucokorwa kwiwe. 14 Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza. 15 Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo. 16 Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana. 17 Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge. Amajambo yo guherezako 18 Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose. 19 Kandi ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba. 20 Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira, 21 ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen. 22 Ariko bene Data, ndabahanūra, mwihanganire iri jambo ribahanūra, kuko mbandikiye amajambo make. 23 Mumenye yuko mwene Data Timoteyo yarekuwe: ni yaza vuba tuzobonana namwe. 24 Muntahirize ababaganza bose, bo n’abera bose. Abo muri Italiya barabatasha. 25 Ubuntu bubane namwe mwese. Amen. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi