Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Tesalonike 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abagoreka ivy’ ukugaruka kw’Umwami Yesu

1 Turabinginga, bene Data, kubgo kuzoza kw’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu,

2 ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.

3 Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,

4 umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.

5 Ntimwibuka yuko nababgiye ivyo nkiri kumwe namwe?

6 Kandi none murazi ikibuza, kugira ngw az’ ahishurwe mu gihe ciwe.

7 Kukw ibanga ry’umugararizo n’ubu ririko rirakora, mugabo har’ ūbibuza none, gushitsa igihe azokūrirwaho.

8 Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.

9 Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bg’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma,

10 n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ ukuri ngo bakizwe.

11 Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma:

12 kugira ngw abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw iteka.


Paulo yongera gushima Imana no gusenga

13 Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.

14 Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bgiza twajejwe, kugira ngo muhabge ubgiza bg’Umwami wacu Yesu Kristo.

15 Nuko bene Data, mushikame, mugumye ivyo mwashikirijwe, mwigishijwe, ar’ ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu cete cacu.

16 Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,

17 ibirure mu mitima yanyu, iyikomeze mu gikorwa cose ciza, n’ijambo ryose ryiza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ