Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Samweli 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi yifuza kwubakira Uhoraho urusengero

1 Nuk’ umwami amaze kwinjira ingoro yiwe, Uhoraho amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije,

2 abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’Imana iba mw ihema gusa.

3 Natani yishura umwami, ati Genda ukore nk’uko wumva ugomba kwose, kuk’ Uhoraho ari kumwe nawe.

4 Arikw iryo joro nyene ijambo ry’Uhoraho riza kuri Natani,

5 riti Genda ubgire umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, uti Mbeg’ uzomwubakira inzu yo kubamwo?

6 Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli abakūye muri Egiputa gushitsa n’ubu. Uti Yahora aba mw ihema nk’ urusago.

7 Uti Mbeg’ ahantu hose yagiye agendana n’Abisirayeli bose, uti Har’ aho yigeze kubarira umucamanza w’Abisirayeli uw’ ari we wese, uwo yashizeho kuragira abantu biwe, akamubaza, ati N’iki cababujije kumwubakira inzu y’amasederi?

8 Nuko rero, ukw abe ari k’ubarira umusavyi wanje Dawidi, ut’ Uhoraho Nyen’ ingabo, uku ni kw agize, uti Yagukūye mu bgungere, inyuma y’intama, ng’ ube segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli;

9 uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.

10 Uti Kand’ abantu biwe b’ Abisirayeli azobagenera ahantu, ahababadike, bahībēre ar’ ahabo bgite, batazohimuka ukundi; uti Kand’ abantu b’ibirara ntibazosubira kubagirira nabi nk’ubga mbere,

11 nko mu bihe yaha abacamanza kuganza abantu biwe b’Abisirayeli; uti Kand’ azoguha impore hagati y’abansi bawe bose. Uti Mber’ Uhoraho arakubariye yukw azokugira igisata.

12 Uti Kand’ imisi yawe ni yashika, ugahamvya ba sogokuruza, ut’ Azokwimika umwana wawe wivyariye, agusubirire mu gishingo, uti Kand’ azokomeza ingoma yiwe.

13 Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.

14 Ut’ Azomubera se, na we amubere umwana; uti Na ho ni yacumura, azomuhanisha inkoni nk’iyo abantu bahanisha, amuhe imiramu nk’iy’ abana b’abantu;

15 ut’ Arikw imbabazi ziwe ntazozimukūrako nk’uko yazikūye kuri Sauli, uwo yasohoye agashiraho wewe.

16 Uti Kand’ inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, uti N’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.

17 Maz’ ayo majambo yose n’ ukwo kwerekwa kwose, Natani abidondera Dawidi.


Isengesho rya Dawidi

18 Maz’ umwami Dawidi arinjira, yicara imbere y’Uhoraho, aravuga, ati Mwami Uhoraho, mbega jewe n’inda n’indesho, n’inzu yanje, nar’ iki, kubona wagiye unzigama gushitsa n’ubu?

19 Kand’ ivyo kuri wewe vyari vyoroshe, Mwami Uhoraho; ariko non’ ugeretsek’ uvuga n’ivy’ inzu yanje jewe umusavyi wawe, vy’igihe kirekire kir’ imbere, unyereka n’uruvyaro ruzokwaruka hanyuma, Mwami Uhoraho.

20 Non’ ikindi jewe Dawidi nokubgira n’iki? kuk’ uzi umusavyi wawe, Mwami Uhoraho.

21 Ivyo vyose bikomeye wabikoze kubg’ ijambo ryawe, nk’uko wavyigombeye mu mutima wawe, kugira ng’ ubimmenyeshe, jewe umusavyi wawe.

22 Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.

23 Har’ irindi hanga na rimwe mw isi rihwanye n’abantu bawe b’Abisirayeli, abo wewe Mana wisidukiye ugacungura, ukabagira abawe, kugira ngo wironkere izina rya rurangiranwa, ugakora ibikomeye kubgabo, n’ ibiteye ubgoba kubg’ igihugu cawe, ukirukana amahanga n’ imana zayo imbere y’abantu bawe, abo wacunguye ukabakūra muri Egiputa?

24 Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.

25 Nuko none, Uhoraho Mana, ijambo uvuze kuri jewe umusavyi wawe no ku nzu yanje urikomeze ibihe vyose, kand’ ushitse ivy’ uvuze.

26 Maz’ izina ryawe baze barishemagize ibihe bidashira, bat’ Uhoraho Nyen’ ingabo ni yo Mana y’Abisirayeli; kandi n’inzu yanje, jewe umusavyi wawe Dawidi, izokwama itsindaje imbere yawe;

27 kuk’ umpishuriye, jewe umusavyi wawe, k’uzonyubakira inzu, ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’ Abisirayeli; ni co gitumye umusavyi wawe ntinyuka kugusenga ntya.

28 Kandi none, Mwami Uhoraho, ni wewe Mana, n’amajambo yawe n’ay’ ukuri, kand’ unsezeraniye iryo jambo ryiza, jewe umusavyi wawe.

29 None rero, emera guha umugisha inzu y’umusavyi wawe, kugira ngw ihore ihamye imbere yawe ibihe vyose, kukw ari wewe ubivuze, Mwami Uhoraho; kand’ umugisha utangwa nawe uz’ uhore ku nzu y’umusavyi wawe ibihe vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ