Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Samweli 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indirimbo Dawidi yaherukiyeko

1 Aya ni yo majambo ya Dawidi aheruka: At’ Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga, Ni k’uwashizwe hejuru avuga, Uwo Imana ya Yakobo yimikishije amavuta, Umuririmvyi w’umuhinga w’ Abisirayeli;

2 Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.

3 Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,

4 Abarasira nk’umutwenzi iy’ utambitse, Nk’izuba iyo rirashe mu gatondo hatagira agacu, Ubgatsi bukamera hasi, imvura yāguye.

5 Non’ inzu yanje si kw imeze ku Mana? Kuko yasezeranye nanje isezerano ritazovaho, Ritunganye muri vyose, kandi rikomeye; Non’ agakiza kanje kose n’ ivyo nifuza vyose Ntizotuma bimera bikaba ibironge?

6 Arikw abantu bose b’abagesera bazoba nk’amahwa abantu bakinjura, Kukw ata wuyafatisha intoke;

7 Arik’ uwoyakorako Akwiye kugira icuma n’uruti rw’icumu; Umuriro uzoyatongorera aho nyene.


Ivy’ ubuhizi ingabo za Dawidi zakoze

8 Aya ni yo mazina y’abahizi Dawidi yar’ afise: Yoshebu‐bashebeti w’i Takemoni, ni we yar’ umukuru wa bamwe batatu; ni we yarāgūriye icumu abantu amajana munani, bahindikiranirah’ umusi umwe.

9 Uwa kabiri kuri we muri ba bahizi batatu ni Eleyazari mwene Dodayi Umwahohi. Yari kumwe na Dawidi igihe bahangāra Abafilisitiya bari bakoraniye kubarwanya. Maz’ Abisirayeli bahunze,

10 arahaguruka yica Abafilisitiya, ukuboko kwiwe kurateba kugwa ikinyānya, kwumira ku nkota. Uwo musi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye; abantu baraheza bagaruka kuri Eleyazari, bazanywe no gukoba imivyimba gusa.

11 Akurikirwa na Shama mwene Ageye Umuharari. Abafilisitiya bari bakoraniye i Lehi, ahār’ umurima w’inkore; nukw ingabo zihunga Abafilisitiya.

12 Ariko we yihagararira muri wa murima, arawurwanira, yica Abafilisitiya; nuk’ Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.

13 Umusi ur’ izina batatu bo muri bamwe mirongwitatu b’abahizi baramanuka, baja iyo Dawidi ari muri rya senga ry’i Adulamu; hāri mu gihe c’iyimbura, kand’ igitero c’Abafilisitiya cari gishagaje ku mwonga Refayimu.

14 Ico gihe Dawidi yari mw isenga, kandi har’ insago z’Abafilisitiya i Betelehemu.

15 Dawidi yumva akumbuye amazi yaho; aravuga, at’ Icompa nkabona uwompa ku mazi y’iriba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, nkayanywa!

16 Maze ba bahizi batatu baca mu ngabo z’ Abafilisitiya, bavoma amazi mur’ iryo riba ryo kw irembo ry’i Betelehemu, barayazana, bayaha Dawidi; ariko yanka kuyanywa, ayavyagiza imbere y’Uhoraho.

17 Aravuga, at’ Ewe Uhoraho, biragahera ko nokora ntyo! Ndābe nnywe amaraso y’abantu bahevye amagara yabo? Ni co catumye yanka kuyanywa. Ivyo ni vyo vyakozwe na ba bandi batatu b’ abahizi.

18 Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.

19 Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, bituma agirwa umukuru wabo. Ariko rero ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere.

20 Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu bompi; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.

21 Yishe n’Umunyegiputa mwiza w’akaranga; uwo Munyegiputa yar’ afise icumu mu minwe, ariko we amanuka iy’ ari atwaye ubuhiri; amushikura iryo cumu, ararimwicisha.

22 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze, aronka izina rya rurangiranwa muri ba bahizi mirongwitatu.

23 Yaravugangwa mur’ abo mirongwitatu nyene, ariko ntiyashikīra ba bandi batatu ba mbere. Maze Dawidi amugira umukuru w’abashibamyi biwe.

24 Asaheli murumuna wa Yowabu yar’ umwe muri bamwe mirongwitatu, hamwe na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,

25 na Shama w’i Harodi, na Elika w’i Harodi nyene;

26 na Helezi w’i Paluti, na Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa;

27 na Abiyezeri w’i Anatoti, na Mebunayi w’i Hushati;

28 na Salumoni w’i Ahohi, na Maharayi w’i Netofati;

29 na Helebu mwene Bayana w’i Netofati nyene, na Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya h’Ababenyamini;

30 na Benaya w’i Piratoni, na Hidayi wo ku migezi y’i Gashi;

31 na Abi‐aluboni w’i Arubati, na Azimaveti w’i Bahurimu;

32 na Eliyaba w’i Shaliboni, na bene Yasheni, na Yonatani;

33 na Shama w’i Harari, na Ahiyamu mwene Sharari w’i Harari nyene;

34 na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;

35 na Hesiro w’i Karumeli, na Parayi w’i Arubi;

36 na Igali mwene Natani w’i Zoba, na Bani w’Umugadi;

37 na Seleki w’Umwamoni, na Naharayi w’i Beroti, ari we yatwaza Yowabu umwana wa Seruwiya ibirwanishwa;

38 na Ira w’i Ituri, na Garebu w’i Ituri nyene;

39 na Uriya Umuheti; bose na bose bari mirongwitatu n’indwi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ