Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Samweli 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indirimbo ya Dawidi

1 Dawidi yabariye Uhoraho amajambo yo mur’ iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko y’ abansi biwe bose, no mu ya Sauli.

2 Aravuga, at’ Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’umurokozi wanje,

3 N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.

4 Ndambaza Uhoraho abereye gushimwa: Ni ho nzokizwa abansi banje.

5 Imipfunda y’urupfu yaranyizingiriyeko, Isūri zo kurandura zanteye ubgoba.

6 Ingoyi z’i kuzimu zantaye hagati, Imitego y’urupfu yantanze imbere.

7 Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho, Mbere natakambiye Imana yanje; Yumva ijwi ryanje iri mu ngoro yayo, Ivyo natakamvye biyishika mu matwi.

8 Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’ijuru aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.

9 Umwotsi upfunduka mu mazuru yayo, Umuriro uva mu kanwa kayo, urayigiza, Amakara afatishwa na wo.

10 Yandaza ijuru, na yo nyene iramanuka, Umwiza w’umuzitanya wari musi y’ibirenge vyayo.

11 Iguruka ivyagiye ku mukerubi, Mbere yabonetse igendera ku mababa y’umuyaga.

12 Umwiza iwugira ihema riyisāgiriye; Isāgīrwa n’ibicu bibungenze amazi, ibicu bitwaye intunda vyo mw ijuru.

13 Ubgiza bukayangana bur’ imbere yayo Butuma amakara yaka.

14 Uhoraho aturagara ari mw ijuru, Ūsumba vyose avugisha ijwi ryiwe.

15 Arasa imyampi yiwe, ashwiragiza abansi banje, Arekura imiravyo, abaca umuhongo.

16 Maz’ agataka ko musi y’ikiyaga karaboneka, Amatanguriro y’isi aratwikururwa, Bitewe n’uguhana kw’Uhoraho, N’ugufūha kw’impwemu ziva mu mazuru yiwe.

17 Atuma ukuboko ari hejuru, aramfata, Andoba mu mazi menshi.

18 Ankiza umwansi wanje akomeye, N’abanyanka, kuko bandusha inkomezi.

19 Bari bantanze imbere ku musi w’amagorwa yanje, Arik’ Uhoraho ni we yambereye ubgishimikizo.

20 Abinkūramwo, anshira ahantu hāgutse: Yandokoye kuko namuhimbaye.

21 Uhoraho yangereye ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Nk’ukw amaboko yanje atanduye, ni ko yangiriye.

22 Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:

23 Kukw amateka yayo yose yar’ imbere yanje, Kandi sinatirimutse ngo mve mu vyagezwe vyayo.

24 Narayitunganira, Nirinze ukugabitanya kwanje.

25 Ni co catumye Uhoraho anyishura ibikwiranye n’ukugororoka kwanje, Ibikwiranye n’ukutandura kwanje mu nyonga ziwe.

26 Ku munyembabazi uzokwiyerekana ur’ umunyembabazi; K’ūtunganye uzokwiyerekana ur’ ūtunganye;

27 K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.

28 Abacishijwe bugufi uzobakiza, Arikw igitsure cawe kiri ku bībone, kugira ng’ ubasubize hasi.

29 Kukw ari wewe tara ryanje, Uhoraho; Uhoraho ni we yākira umwiza wanje.

30 Kukw ari wewe unshoboza gutera umuce w’ingabo, Kand’ ar’ Imana yanje inshoboza gusimba uruzitiro rw’ amabuye.

31 Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikīngīra abamuhungirako bose.

32 Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?

33 Imana ni yo buhungiro bganje bukomeye; Irōngōra umugororotsi mu nzira yayo.

34 Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Impagarika ku dutwe tw’ imisozi yanje.

35 Yigisha intoke zanje kurasana, Bituma amaboko yanje afora umuheto w’umuringa.

36 Kandi wampaye inkinzo, ni yo gakiza kawe, Ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru.

37 Intambuko zanje wazāguriye inzira, Ibirenge vyanje ntivyanyereye.

38 Nakinagije abansi banje, ndabarandura, Sinatabaruka badaheze.

39 Narabatobekeranije, ntibābasha kuvyuka; Mbere bāguye musi y’ibirenge vyanje.

40 Wankenyeje inkomezi ngo ndwane, Abarwanizi banje wabamaze igabo.

41 Watumye ababisha banje bampa ibitugu, Kugira ngo ndandure abanyanka.

42 Bārēraguje, babura ūbakiza; Batakambiye Uhoraho, ntiyabishura.

43 Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.

44 Wankijije indwano z’abantu banje, Waranzigamye ngo nganze amahanga; Ihanga ntigeze kumenya ryaransavye.

45 Abanyamahanga baje banyunamira bampema; Bumvise inkuru yanje baca baranyoboka.

46 Abanyamahanga barakabiranye, Bava mu binyegero vyabo bahinda agashitsi.

47 Uhoraho yamaho; Igitandara canje gihimbazwe; Imana, Igitandara c’agakiza kanje, ishirwe hejuru:

48 Ni yo Mana impōra, Ikangandūrira amahanga nkayaganza.

49 Inkūra mu babisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.

50 Ni co gituma, Uhoraho, nzogushimira mu mahanga, Ndirimbe ishimwe ry’izina ryawe.

51 Umwami yimitse amugabira agakiza gakomeye, Agirira imbabazi umwami yimikishije amavuta, Ni Dawidi n’uruvyaro rwiwe ibihe bidashira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ