2 Samweli 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ubugarariji bga Sheba 1 Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira! 2 Nukw Abisirayeli bose bata Dawidi, bakondorera inyuma ya Sheba mwene Bikuri; arikw Abayuda bo bigumira ku mwami wabo, baramuherekeza kuva kuri Yorodani gushitsa i Yerusalemu. 3 Nuk’ umwami Dawidi ashitse i we i Yerusalemu, ajana za ncoreke ziwe yagize abagore ukw ar’ icumi, abo yari yasigaranye urugo; abashira mu nzu, abaha ababarinda; abatungiraho, ariko ntiyasubira kubarārira. Nuko baguma ngaho barindwa, barinda bapfa bameze nk’abapfakazi. 4 Maz’ umwami abarira Amasa, ati Nkoraniriza Abayuda hano mu misi itatu itarenze, kandi nawe uz’ ubeho. 5 Nuko Amasa aja guhamagara Abayuda; arikw arenza imisi umwami yamubariye. 6 Dawidi araheza abarira Abishayi, ati Sheba mwene Bikuri agiye kutugirira nabi kuruta Abusalomu; abe ari wewe ujana ingabo zanje, umukurikirane, kugira ngo ntiyegukire ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, akaba atujanye. 7 Nukw ingabo za Yowabu n’ Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose bakurikira Abishayi; bava i Yerusalemu baja guhīga Sheba mwene Bikuri. Yowabu yica Amasa 8 Bashitse ku gitandara kinini c’i Gibeyoni, Amasa aza kubasanganira; kandi Yowabu yari yambaye imyambaro y’intambara, ayikenyeje umukanda urikw inkota iri mu rwubati, yenena kw itako ryiwe; yīgīye imbere, iruvamw’ irakoroka. 9 Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome. 10 Ariko Amasa ntiyagira ico yibaza ku nkota Yowabu yar’ afise mu ntoke; nuko Yowabu ayimuzibura ku nda, amara yiwe asēseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; nukw arapfa. Maze Yowabu na Abishayi murumuna we bakomeza guhīga Sheba mwene Bikuri. 11 Umwe mu ngabo za Yowabu ahagarara hejuru ya Amasa, aravuga, at’ Ūkunda Yowabu, kand’ ūherereye ku ruhande rwa Dawidi, n’ akurikire Yowabu. 12 Kandi Amasa yari hagati mu nzira arambaraye mu maraso yiwe, arikw arasāmba; maz’ uwo muntu abonye kw abantu bose bahashika bakarundana, aterura Amasa, amukūra mu nzira, amurambika hirya mu murima, amworosa impuzu; kuko yabonye k’uwamushikako wese yaca ahagarara. 13 Nukw amaze gukūrwa mu nzira, abantu bose baca bakomeza inzira bakurikira Yowabu, baja guhīga Sheba mwene Bikuri. 14 Sheba anyuragira mu miryango yose y’Abisirayeli, ashika i Abeli h’i Beti‐mayaka; maz’ Ababeriti bose barakorakorana, bamukurikirayo. 15 Maz’ ingabo zose zari kuri Yowabu ziraza, zimusāgiririza i Abeli nyene h’i Beti‐mayaka, barunda ikirundo kur’ ico gisagara co kwūririrako, cegamiye uruzitiro rwaco; basita urwo ruzitiro kugira ngo baruhomvore. Urupfu rwa Sheba 16 Maz’ umugore w’umunyabgenge wo mur’ ico gisagara ashira ijwi hejuru, aravuga, ati Ni mwumvirize, yemwe ni mwumvirize! Ndabinginze, mumbaririre Yowabu, mut’ Igira hino, ico akubarira. 17 Nuko yigira hafi y’ah’ ari; nya mugore aramubaza, ati Ni wewe Yowabu? Na we at’ Ego me ni jewe. Aramubarira, ati Ni wumve amajambo yanje, jewe incoreke yawe; na we at’ Ego me ndumva. 18 Aravuga, ati Kera bākunda kuvuga, bati Ni bagīshe inama i Abeli; kandi rero vyaca bihera. 19 Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho? 20 Yowabu aramwishura, ati Biragahera! Biragahera ko hogira ico noyongobeza canke nogeseza! 21 Si ko biri; ariko harih’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Sheba mwene Bikuri, yagararije umwami Dawidi; mube ari we mutanga wenyene, mbone kubavira ku gisagara. Nya mugore yishura Yowabu, ati Nuko rero, umutwe wiwe turawurenza uruzitiro tuwugushiburire. 22 Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami. 23 Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; 24 Adoramu na we yagaba ivy’ ikori; Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba; 25 Shewa yar’ umukarani; Sadoki na Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; 26 Ira w’Umuyayiri na we yar’ umujenama mukuru wa Dawidi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi