2 Samweli 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Dawidi yimikwa n’ab’ umuryango wa Yuda 1 Hanyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega ndūge, nimukire mu gisagara kimwe mu vy’i Buyuda? Uhoraho aramwishura, at’ Ego me dūga. Dawidi ati Nje hehe? Aramwishura, ati Ja i Heburoni. 2 Nuko Dawidi adūganayo n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili yahora ari muka Nabali w’i Karumeli. 3 Adūgana n’abantu biwe, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; bimukira mu bisagara vy’i Heburoni. 4 Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli. 5 Nuko Dawidi atuma intumwa ku b’i Yabeshi‐gileyadi, muti Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba! 6 Nuko rer’ Uhoraho abagirire ikigongwe ababere umwizigirwa; nanje nyene nzobishura ico kigongwe mwāgize, kuko mwāgenjeje murtyo. 7 None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo. Intambara ya Dawidi na Ishibosheti 8 Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu. 9 Aramwimika ngw abe umwami w’i Gileyadi n’ uw’ Abashuri n’uw’ i Yezireli n’ uw’ Abefurayimu n’uw’ Ababenyamini n’uw’ Abisirayeli bose. 10 Kandi Ishibosheti mwene Sauli, igihe yima ngw abe umwami w’ Abisirayeli, yar’ amaze imyaka mirongwine; amara imyaka ibiri ari ku ngoma. Arikw ab’ umuryango w’Abayuda bo, bākondoreye inyuma ya Dawidi. 11 Kandi Dawidi igihe yamaze i Heburoni ar’ umwami w’umuryango w’ Abayuda, n’imyaka ndwi n’amezi atandatu. 12 Bukeye Abuneri mwene Neri, n’abantu ba Ishibosheti mwene Sauli, bava i Mahanayimu baja i Gibeyoni. 13 Yowabu umwana wa Seruwiya na we, n’abantu ba Dawidi, baragenda bahūrira na bo ku kidengeri c’i Gibeyoni; nuko baricara, bamwe hakurya y’ ico kidengeri, abandi hakuno. 14 Abuneri abarira Yowabu, at’ Abasore ni bave hasi, bakinishe inkota twirorērere. Yowabu at’ Ego me ni bave hasi. 15 Nuko bava hasi, baraza barahūra, baringanije igitigiri: abo ku ruhande rw’Ababenyamini na Ishibosheti mwene Sauli bar’ icumi na babiri, kand’ abo ku ruhande rwa Dawidi na bo bar’ icumi na babiri nyene. 16 Bose barasūmirana, umuntu wese asūmira agakanu ka mugenzi we, bazibagurana inkota mu mbavu; bacurikirana hamwe. Ni co catumye aho hantu bahīta Helukati‐hasurimu: ni hafi y’i Gibeyoni. 17 Uwo musi haca haba intambara ihambaye cane; Abuneri n’Abisirayeli baraneshwa, bahunga abantu ba Dawidi. 18 Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba. 19 Maze Asaheli yōma kuri Abuneri, adakebereje i buryo cank’ i bumoso ngw amuve inyuma. 20 Maze Abuneri akebutse inyuma, aramubaza, ati Mbega ni wewe ga Asaheli? Na we aramwishura, ati Ni jewe. 21 Abuneri aramubarira, ati Kebereza i buryo cank’ i bumoso, ugire uwo mu misore ufata, abe ari we wambura ibirwanishwa vyiwe. Ariko Asaheli yanka gukevya ngw amuve inyuma. 22 Abuneri asubira kubarira Asaheli, ati Ca hiyo, ureke kunkurikira; mbeg’ urinde kuntera kukwica? Nkwishe noshobora nte guhūza amaso na Yowabu mukurwawe? 23 Ariko na ho nyene yanka gukebereza i ruhande, bituma Abuneri amuzibura umuhunda w’icumu ku nda, riseruka inyuma, Asaheli yikubita hasi, agwa aho nyene. Maz’ abantu bashitse aho Asaheli aguye, baca bahagararaho. 24 Ariko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri; izuba rirenga bafashe ku musozi Ama, urābana n’i Giya ku nzira ija mu bugaragwa bg’i Gibeyoni. 25 Maz’ Ababenyamini biyegeraniriza kuri Abuneri, bīrema akarwi kamwe, batonda ku mpinga y’umusozi. 26 Maze Abuneri atera akamo Yowabu, aramubaza, ati Mbeg’ inkota izokwama iririka na ntaryo? Ntuzi yukw amaherezo hazovamw’ intuntu? None mbeg’ uzogeza ryari kutabogoza abantu ngo bave inyuma ya bene wabo? 27 Yowabu aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Imana, iy’ utagira ico uvuga, bgari kurinda buca abantu batarareka gukurikirana bene wabo. 28 Nuko Yowabu aca avuza inzamba, abantu bose barahagarara, ntibakomeza gukurikirana Abisirayeli canke kubarwanya ukundi. 29 Nuko Abuneri n’ingabo ziwe bakesha iryo joro bajanye ikiyaya Araba; bajabuka Yorodani, bajana i Bitironi hose, bararuha bashika i Mahanayimu. 30 Yowabu na we arahindukira, areka gukurikirana Abuneri; amaze gukoranya ingabo zose za Dawidi, asanga habuzemw’ abantu cumi n’icenda bo na Asaheli. 31 Arikw ingabo za Dawidi zari zishe abantu amajana atatu na mirongwitandatu mu Babenyamini no mu ngabo za Abuneri. 32 Nuko baterura Asaheli, baramujana bamuhamba i Betelehemu mu mva ya se. Yowabu n’ingabo ziwe baraheza bagenda ijoro ryose; buca bashitse i Heburoni. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi