2 Samweli 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Hushayi yica inama ya Ahitofeli 1 Hanyuma Ahitofeli abarira Abusalomu, ati Hinge ntoranye ingabo ibihumbi cumi na bibiri, mpaguruke nkurikire Dawidi mur’ iri joro nyene; 2 ndamusēsekeko akirushe, acihebuye, ndamuce ivutu; maz’ abantu bari kumwe na we bose baza guca bahunga, mpeze nice umwami wenyene. 3 Maze nzokugarukanira abantu bose; ushikiriye uwo urondera, bose uzoba ubagarukanye; ni ho abantu bose bazoca bagira umutekano. 4 Iyo nama Abusalomu arayishima cane, n’abakuru b’Abisirayeli na bo n’uko. 5 Maze Abusalomu aravuga, ati Mpamagarira Hushayi Umwaruki na we, twumve ico avuga. 6 Maze Hushayi arengutse kwa Abusalomu, Abusalomu aramubarira, ati Ahitofeli yatubgiye uku n’uku; none dukore uko yavuze? Ni waba utabishimye, zana inama yawe. 7 Hushayi yishura Abusalomu, at’ Ubu ho inama Ahitofeli yazanye si yo. 8 Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo. 9 Erega nk’ubu aramaze kwinyegeza mu rwobo cank’ ahandi; maze ni hagira abapfa bagitanguye kurwana, ūzovyumva wese azovuga, ati Habaye agatikizo mu bari kuri Abusalomu. 10 Bizotuma umuntu wese acika ivutu, naho yoba yar’ intōre afise umutima nk’uw’ intambge; kukw Abisirayeli bose basanzwe bazi so kw ar’ umuhizi, kandi n’abari kumwe na we kw ar’ abantu b’ intōre. 11 Ariko jewe inama yanje, koranya Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bangane n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga, kandi nawe ubgawe uz’ ujane na bo mu ntambara. 12 Tuzomusēsekako ah’ azoba ari hose, tumutondeko nk’ ikime, nk’uko gitonda kw isi; nuk’ uhereye kuri we n’ingabo zose zizoba ziri kumwe na we, ntituzosiga n’uwa kirazira. 13 Na ho ni yaramuka ahungiye mu gisagara, Abisirayeli bose bazozana imigozi, dukwege ico gisagara tugicurangurize mu ruzi, gushitsa hatakiboneka n’akabuye na kamwe. 14 Nuko Abusalomu n’ abantu bose b’Abisirayeli baravuga, bat’ Inama ya Hushayi Umwaruki iruse inama ya Ahitofeli. Icabiteye n’uk’ Uhoraho yari yaragabiye gusambura izo nama nziza za Ahitofeli, kugira ngw ateze Abusalomu ivyago. Bazanira Dawidi inkuru z’izo nama 15 Maze Hushayi abarira Sadoki na Abiyatari abaherezi, at’ Inama Ahitofeli yagīriye Abusalomu n’ abakuru b’Abisirayeli n’iyi n’iyi; ariko jeho iyo nabagīriye, nababariye ntya na ntya. 16 None rero ni mutume kuri Dawidi vuba, mut’ Iri joro nturāre ku majabukiro afata mu bugaragwa, ariko ntihagire ikikubuza kujabuka; muti Kugira ngo ntibakumirane n’abantu bose muri kumwe, mugenzi. 17 Kandi Yonatani na Ahimasi bāri babaye barīkinga i Eni‐rogeli, umuguranokazi akāma aja kubacira agace, na bo bakaja kubibgira umwami Dawidi; kuko batātinyuka gushika ku murwa icese. 18 Arik’ umwana w’umuhungu arababona, aragenda abibarira Abusalomu; na bo baragenda bihuta bompi, bashika i Bahurimu ku muntu yar’ afise icobo cimbge mu rugo rwiwe co kubīka amazi, bururukirayo. 19 Maz’ umugore ahitana ikinyambuga, agisasa hejuru ku munwa w’ico cobo, agisanzakw impeke, ntihagira ūbica n’ikanda. 20 Maz’ abantu ba Abusalomu bashikīra nya mugore mu rugo, baramubaza, bati Ahimasi na Yonatani bari hehe? Nya mugore arabishura, ati Bafashe hakurya. Nuko babarondeye, barababura, basubira i Yerusalemu. 21 Bamaze kugenda, ba bandi barūrira basokoroka mur’ ico cobo, baragenda babibarira umwami Dawidi; baramubarira, bati Ni muhaguruke mujabuke n’ingoga, kuko Ahitofeli yabagīriye inama izi n’izi. 22 Nuko Dawidi ahagurukana n’abantu bose bari kumwe na we, bajabuka Yorodani; bgakeye hadasigaye n’ umwe muri bo atājabutse Yorodani. 23 Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se. 24 Maze Dawidi ashika i Mahanayimu; Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’ Abisirayeli bose. 25 Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu. 26 Maze Abusalomu n’Abisirayeli basagaza mu gihugu c’i Gileyadi. 27 Nuko Dawidi ashitse i Mahanayimu, Shobi mwene Nahashi w’i Raba mu Bamoni, na Makiri mwene Amiyeli w’i Lo‐debari, na Baruzilayi Umunyagileyadi w’i Rogelimu, 28 bamuzanira amariri, n’amabakule, n’inzavya z’ibibumbano; n’ingano, na sayiri, n’ifu, n’impeke zikaranze, n’ibiharage, n’inkore, 29 n’ubūki, n’urubu, n’ intama, n’umukānyūre w’amavuta y’inka, babigemurira Dawidi n’ abo bari kumwe; kuko bari biyumviriye, bat’ Abantu barashonje kandi bararushe, bafise inyota aho bari mu bugaragwa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi