2 Samweli 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Icaha ca Dawidi 1 Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu. 2 Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe. 3 Nuko Dawidi atuma kubaza uwo mugore uw’ ari we. Baramubarira, bati Si Batisheba mwene Eliyamu, muka Uriya Umuheti? 4 Nuko Dawidi atuma intumwa zo kumuzana, aca arenguka i we, bararyamana, kuko yari yihumanuye avuye mu miziro; hanyuma asubira i muhira. 5 Nya mugore asamye inda, atuma kuri Dawidi, ut’ Afise inda. 6 Maze Dawidi atuma kuri Yowabu, uti Murungikire wa Muheti Uriya. Nuko Yowabu aca arungika Uriya kwa Dawidi. 7 Uriya amushikiriye, Dawidi amubaza inkuru za Yowabu n’iz’ ingabo, n’uko bigenda mu ntambara. 8 Maze Dawidi aramubarira, ati Manuka uje i wawe, woge ibirenge. Nuko Uriya asohoka mu ngoro y’umwami, bamukurikiza ingaburo agaburiwe n’umwami. 9 Ariko Uriya yīrārira hamwe n’abanyarugo ba shebuja bose, mw irebe ry’ingoro y’umwami, ntiyamanuka ngw aje i we. 10 Maze babariye Dawidi, bat’ Erega Uriya ntiyatashe i muhira; Dawidi aca abaza Uriya, ati Mbega ntiwar’ uvuye ku rugendo? None k’utāgiye kurāra i wawe? 11 Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora! 12 Maze Dawidi aramubarira, ati Sībira hano n’uyu musi, ejo nzokurekura ugende. Nuko Uriya asībira i Yerusalemu uwo musi na bukeye. 13 Maze Dawidi aramurengukisha ngw aze kurya no kunywa ar’ imbere yiwe, aramuboreza; hageze mw ijoro, Uriya aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe na ba banyarugo ba shebuja, ariko ntiyamanuka ngw aje i we. 14 Bukeye mu gitondo Dawidi yandikira Yowabu icete, akirungikana Uriya nyene. 15 Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe. 16 Nuko rero Yowabu, igihe asubiye gutera ico gisagara, aherereza Uriya ahantu azi ko har’ abahizi. 17 Maz’ abantu bo muri nya gisagara barasokoroka, barwanya Yowabu; abantu bamwe bo mu ngabo za Dawidi barapfa, hapfamwo na Uriya wa Muheti. 18 Maze Yowabu atuma kumenyesha Dawidi ivy’ intambara uko bimeze; 19 abarira intumwa, ati Ni wamara kudondera umwami inkuru zose z’uko bimeze mu ntambara, 20 umwami ni yaramuka aratse, akakubaza, ati N’iki cabateye kurwana mwegereje igisagara murtyo? ati Mbega ntimwari muzi ko batoretse kubarasa bahagaze ku ruzitiro? 21 Akanakubaza, ati None ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubayali? ati S’umugore yamuteye ingasire, yihagarariye ku ruzitiro, akagwa aho nyene i Tebesi? ati N’iki cabateye kwegereza uruzitiro murtyo? Uz’ uheze umubarire, ut’ Erega na wa muntu wawe w’Umuheti Uriya, na we yarapfuye. 22 Nukw iyo ntumwa iragenda; ishitse, idondera Dawidi ivyo Yowabu yamutumye vyose. 23 Iramubarira, it’ Abantu baho bāradutwariranije, badushikana no mu gahinga, ariko turaruha tubīgiza inyuma kurinda tubashikanye kw irembo ryabo. 24 Kand’ abanyamiheto bari bahagaze ku ruzitiro baturasa, twebge abantu bawe; hapfa bamwe bo mu bantu bawe, mwami, kandi hapfuye na wa muntu wawe w’Umuheti, Uriya. 25 Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha. 26 Maze muka Uriya yumvise k’ umugabo wiwe yapfuye, aramuririra. 27 Hanyuma agandutse, Dawidi atuma kumuzana i we, aramucūra; bavyarana umwana w’umuhungu; arikw ivyo Dawidi yakoze vyababaje Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi