2 Petero 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ukugaruka kwa Kristo 1 Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa; 2 kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko: 3 irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, 4 babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi. 5 Kuko biyobagiza ibigirankana yuko kera hār’ amajuru, n’isi yakūwe mu mazi n’ijambo ry’Imana, rikayirema mu mazi. 6 Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira: 7 arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana. 8 Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe. 9 Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. 10 Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka. Ukwitegurira ukugaruka kwa Kristo 11 None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, 12 no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze? 13 Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo. 14 Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe. 15 Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana. 16 Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona. 17 None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu. 18 Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi