2 Abami 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yehu yimikishwa amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli 1 Bukeye Elisa ūvugishwa n’ Imana ahamagara umwe mu biga ivy’ ukuvugishwa, aramubarira, at’ Ikazanure, wābīre iri cupa ry’amavuta ya elayo, uje i Ramoti‐gileyadi. 2 Ni washikayo, ubaze Yehu mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi; uheze winjire iy’ ari, umuhagurutse umukūre mu bandi, umujane haruguru ahīherereye; 3 uheze usokorore iryo cupa ry’amavuta, uyamusuke ku mutwe, uvuge ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’Abisirayeli. Uheze wugurure urugi; ntutebagane, uce uhunga. 4 Nuk’ uwo muvugishwa w’ umusore aragenda aja i Ramoti‐gileyadi. 5 Ashitseyo, asanga abagabisha b’ingabo bicaranye; aravuga, ati Yewe mugabisha, mfise ico ngutumweko. Yehu aramubaza, ati Ni nde muri twebge twese? Aramwishura, ati Ni wewe, mugenzi. 6 Nuko Yehu ava hasi, binjirana mu nzu; uwo musore araheza amusuka amavuta mu mutwe, aravuga, at’ Uku ni k’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Akwimikishije amavuta ng’ ube umwami w’abantu biwe b’Abisirayeli. 7 Kandi ng’ Uze wice ab’ inzu ya Ahabu shobuja, ngo Kugira ngw ahōre Yezebeli amaraso y’abasavyi biwe b’abavugishwa, n’ay’ abandi basavyi biwe bose yavishije. 8 Ngo Kand’ ab’ inzu ya Ahabu bose bazogesera; kandi ngw Azoherengeteza izinamuhungu wese wo kuri we, aho bava bakagera mu Bisirayeli. 9 Ngw Inzu ya Ahabu azoyihindura nk’iya Yerobowamu mwene Nebati, kandi nk’iya Bayasha mwene Ahiya. 10 Ngo Kand’ imbga zizorīra Yezebeli ku musozi w’i Yezireli, ngo Kandi nta wuzomuhamba. Nukw araheza yugurura urugi, arahunga. 11 Maze Yehu arasohoka, aza aho ba bantu ba shebuja bari; umwe aramubaza, ati Mbega n’ amahoro? Uwo mugabo w’umusazi yakuronderakw iki? Arabishura, at’ Ereg’ uwo muntu ni mwebge mumuzi, n’amajambo yiwe murayazi. 12 Baramwishura, bat’ Eka s’ivy’ ukuri nta co tuzi: tubarire nyabuna ivy’ ari vyo. Arabishura, at’ Ivyo ambariye n’ ibi: ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Anyimikishije amavuta ngo mbe umwami w’Abisirayeli. 13 Baca babaduka n’ingoga, umuntu wese yikiza umutamana wiwe, bayishira musi y’ibirenge vyiwe, ah’ ahagaze hejuru ku ngazi y’amabuye; bavuza inzamba, bati Yehu ni we mwami! Yehu yica Yoramu na Ahaziya 14 Uku ni ko Yehu mwene Yehoshafati, Yehoshafati wa Nimushi, yagararije Yoramu. Kandi Yoramu n’Abisirayeli bose bari bashagaje i Ramoti‐gileyadi, bimiriye Hazayeli umwami w’i Siriya; 15 arik’ umwami Yoramu ubgiwe yari yahindukiye asubira i Yezireli, kugira ngw arwarirey’ inguma yakomerekejwe n’Abasiriya, igihe yarwanya Hazayeli umwami w’i Siriya. Nuko Yehu aravuga, ati Namb’ ari vyo mugomba, ntihagire umuntu n’umwe yomba ngw ave mu gisagara, aje kubivuga i Yezireli. 16 Maze Yehu agendera mu mukogote aja i Yezireli, kukw ari ho Yoramu yar’ arwariye; kandi Ahaziya umwami w’i Buyuda yari yamanutseyo kurāba ukw ameze. 17 Maz’ inderetsi yar’ ihagaze ku munara w’i Yezireli agize artya abona umuce w’ingabo za Yehu zije; aravuga, ati Mbonye umuce w’ingabo. Yoramu aravuga, ati Rāba umuntu agende kw ifarasi, ahūre na bo, ababaze kw ar’ amahoro. 18 Nuko hagenda umuntu ari kw ifarasi, ahwana na we, aramubaza, at’ Umwami ngo N’amahoro? Yehu aramwishura, at’ Ivy’ amahoro ubigombakw iki? Hindukira unkurikire. Maz’ iyo nderetsi iravuga, iti Ya ntumwa ihūye na bo, ariko ntibīkūye ngw igaruke. 19 Nukw atuma uwa kabiri na we nyene ari kw ifarasi; abashikiriye arababaza, at’ Umwami ngo N’amahoro? Yehu aramwishura, at’ Ivy’ amahoro ubigombakw iki? Hindukira unkurikire. 20 Ya nderetsi iravuga, iti Ya ntumwa ihūye na bo, ariko na yo ntibīkūye ngw igaruke; arik’ uwo muntu, uburyo yirukana umukogote busa n’ingendo ya Yehu mwene Nimushi, kukw agenda awugurukana. 21 Nuko Yoramu aravuga, ati Ni muzirikishe umukogote wanje ku mafarasi; nuko barawuzirika. Maze Yoramu umwami w’Abisirayeli na Ahaziya umwami w’Abayuda bava mu gisagara, umwe agenda mu mukogote wiwe, uwundi mu wiwe, baja guhūra na Yehu; bahwanira na we mw itongo ryar’ irya Naboti w’i Yezireli. 22 Maze Yoramu abonye Yehu, aramubaza, ati N’amahoro ga Yehu? Aramwishura, at’ Amahoro ki, ubusambanyi bga nyoko Yezebeli n’uburozi bgiwe bikiri ngaho ar’ isinzi? 23 Yoramu aca ahindukiza amafarasi yiwe, arahunga, abarira Ahaziya, ati Ngaho Ahaziya, hateye umugararizo! 24 Maze Yehu afora umuheto wiwe arawuheza, arasa Yoramu mu mwanya w’ibitugu, umwampi uca mu mutima; aca acurama aho nyene mu mukogote wiwe. 25 Maze Yehu abarira Bidukari umugabisha wiwe, ati Muterure umushiburire ngaha mw itongo ryar’ irya Naboti w’i Yezireli; ntiwibuka igihe twe nawe twagendera ku mafarasi tugendaniye se Ahabu, k’Uhoraho yamuremētse iki gihano, 26 kandi k’Uhoraho yavuze, ati N’ukuri ejo nabonye amaraso ya Naboti n’ay’ abana biwe, kandi ko yavuze, ati Nzobigusubiza ku mutwe ngaha nyene mur’ iri tongo? Nuko rero muterure, umushiburire mur’ iri tongo, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze. 27 Maze Ahaziya umwami w’i Buyuda abibonye, arahunga ajana inzira ija i Beti‐hagani. Yehu amwōma inyuma, aravuga, ati Na we nyene mutsinde mu mukogote wiwe. Nukw ashitse ku mudūgo w’i Guri, aharābana n’i Ibuleyamu, baramugema; akomeza guhunga, ashitse i Megido agwayo. 28 Maz’ abantu biwe bamujana i Yerusalemu ari mu mukogote, bamuhamba mu mva yiwe i ruhande ya ba sekuruza, ku murwa wa Dawidi. 29 Kand’ igihe Ahaziya yaja ku ngoma y’i Buyuda, hari mu mwaka ugira icumi na rimwe Yoramu mwene Ahabu ari ku ngoma. Urupfu rwa Yezebeli 30 Maze Yehu ashitse i Yezireli, Yezebeli arabibarirwa; aca yīraba amarangi mu maso, asokoza umushatsi, araheza arungurukira mw idirisha. 31 Maze Yehu agitamaje mw irembo, Yezebeli aramubaza, ati N’amahoro ga yewe Zimuri wa mugesera wishe shobuja? 32 Yehu yunamura amaso arangamiza mw idirisha, aravuga, ati Ni nde aherereye ku ruhande rwanje? Yoba nde? Nukw abantu b’inkone nka babiri canke batatu baramurunguruka. 33 Arababarira, ati Ni mumukororere hasi. Nuko bamukororera hasi; amaraso yiwe atarukira ku nzu no ku mafarasi; aca arayamusiribangisha. 34 Araheza yinjira mu nzu, arafūngura; hanyuma aravuga, ati Ni mugende murābe uko mugenza uwo mugore w’ikivume, mumuhambe, kuko yar’ umwana w’umwami. 35 Ariko bagiye kumuhamba, ntibagira ico basangaho, atar’ umutwe n’ibirenge n’ibiganza. 36 Nuko bagaruka kubimubgira; na we aravuga, at’ Iryo ni rya jambo Uhoraho yavugishije umusavyi wiwe Eliya w’i Tishubi, ati Mw itongo ry’i Yezireli ni ho imbga zizorīra umuvyimba wa Yezebeli; 37 ati Kand’ umuvyimba wiwe uzohinduka nk’intabire yo ku gahinga mw itongo ry’i Yezireli, kugira ngo ntihaze hagire ūvuga, ngo Harya hari Yezebeli. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi