Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

2 Abami 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Elisa akūra umupfakazi mu mwenda

1 Bukeye haza umugore kuri Elisa; umugabo wiwe yar’ uwo mu biga ivy’ ukuvugishwa; aramutakambira, at’ Umusavyi wawe, ari we mugabo wanje, yarapfuye; kand’ urazi ko yubaha Uhoraho. Non’ ūtwishuza araje, kand’ agomba gutwara abahungu banje bompi ngw abagire abagurano biwe.

2 Elisa aramubaza, ati None nogukorera iki? Ndakubaza: har’ ico woba ufise i muhira? Na we at’ Umusavyi wawe nta co mfise i muhira atar’ urwavya rw’utuvuta twa elayo.

3 Aramwishura, ati Genda urābe ivyo utīra mu babanyi bawe biri gusa, kandi ntutīre bike.

4 Uheze winjire mu nzu, wiyugarane mwe n’abana bawe, ayo mavuta uyasuke mur’ ivyo bintu vyose; ikintu cose uko cuzuye urābe ah’ ugitereka.

5 Nukw avuye iy’ ari, abigenza kuno; ariyugarana bo n’abana biwe, bamuhereza ivyo bintu, na we abisukamwo.

6 Nuko bimaze kwuzura, abarira umwana, ati Mpa ikindi. Aramwishura, ati Nta kindi gisigaye. Ako kanya amavuta aca areka kuza.

7 Maz’ aragenda, abibarira wa muntu w’Imana, na we aramwishura, ati Genda ushōre ayo mavuta, wishure umwenda wawe; ayasigaye agutungane n’ abana bawe.


Ivy’ umugore w’i Shunemu n’umwana wiwe

8 Umusi ur’ izina, Elisa aja i Shunemu. Kandi hāriy’ umugore w’umutunzikazi; aramugōbēra ngw amuzimane. Maz’ uhereye ico gihe, iy’ aciye aho, yama ajayo bakamuzimana.

9 Bukeye nya mugore abarira umugabo wiwe, ati Mbona uyo muntu kw ar’ uwera, kandi n’umuntu w’Imana;

10 enda tumwubakire akumba hejuru ku nzu, tumushiriremw’ uburiri n’ameza n’intebe n’itara; maz’ iy’ aje kuturamutsa, az’ ahore arāraho.

11 Umusi ur’ izina, araza aja mur’ ako kumba, arāraho.

12 Abarira umuntu wiwe Gehazi, ati Mpamagarira uwo mugore w’ Umunyashunemu. Amaze kumuhamagara, aramwitaba.

13 Abarira Gehazi, at’ Umubarire, uti Ko wabītwariritse ben’ uko, uti None yogukorera iki? uti Mbeg’ uragomba kuvugirwa ku mwami, uti Canke ku mugabisha w’ingabo? Aramwishura, at’ Oyaye, nzokwigumira ngaha i wacu.

14 Maze Elisa arabaza, ati None twomukorera iki? Gehazi aramwishura, at’ Erega nta mwana agira, kand’ umugabo wiwe arashāje.

15 Aramubgira, ati Muhamagare. Amaze kumuhamagara, araza ahagarara mw itangaza ry’umuryango.

16 Elisa aramubarira, at’ Umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu. Na we aramwishura, ati Sigaho nyabuna, muntu w’Imana, reka kumpenda jewe umusavyi wawe.

17 Hanyuma uwo mugore asama inda, avyara umwana w’umuhungu, ca gihe nyene Elisa yamubariye gishitse.

18 Uwo mwana amaze gukura, umusi ur’ izina aragenda asanga se iyo bagenya.

19 Abarira se, at’ Umutwe uranyishe, umutwe uranyishe! Se abarira umuntu wiwe, ati Muterure umushīre nyina.

20 Nukw aramujana amushikiriza nyina; nyina amushira ku bibero; hageze mu mashōka aracīkāna.

21 Araheza aramwūrirana, amurambika ku buriri bga wa muntu w’Imana, aramwugarana, arasohoka.

22 Ahamagara umugabo wiwe, aramubarira, ati Ntabaza umuhungu umwe n’indogoba imwe, nkwakwanye nikubitire kwa wa muntu w’Imana, ndagarutse.

23 Aramwishura, ati N’iki kikujanyey’ uyu musi? Kw atari mu mboneko z’ukwezi canke ngo habe kw isabato! Na we ati Pfa kundeka ngende.

24 Nuk’ uwo mugore ashirisha amatandiko ku ndogoba, abarira uwo muntu, ati Yobora tugende: ntuyigenze bu horo shiti nkubgiye.

25 Nukw aragenda, aja iyo wa muntu w’ Imana ari ku musozi Karumeli. Uwo muntu w’Imana amubonye akiri kure, abarira umuntu wiwe Gehazi, ati Nguriya wa mugore w’Umunyashunemu.

26 Enda irukanga, muhūre, umubaze, uti N’amahoro? ut’ Uragumye, n’umugabo wawe, n’umwana? Amubajije, aramwishura, ati N’amahoro!

27 Ashitse aho nyene kur’ uwo musozi, ah’ uwo muntu w’ Imana ari, amufata ku birenge. Gehazi aramwēgēra ngw amusunure, arik’ uwo muntu w’Imana aramubgira, ati Mureke, kukw afise umubabaro mu mutima, kand’ Uhoraho yabimpishije ntiyabimbariye.

28 Nya mugore aravuga, ati Mbega mugenzi, ni jewe nari nagusavye umwana? Sinakubariye, nti Reka kumpenda?

29 Elisa abarira Gehazi, ati Kenyera, wābīre inkoni yanje, ugende; ni hagira uwo muhūra, ntimuramukanye; n’ūgomba ko muramukanya, ntumwishure: uheze urambike iyo nkoni ku maso y’umuvyimba w’uwo mwana.

30 Nyina w’uwo mwana aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, singusiga. Nuko Elisa ava hasi, aramukurikira.

31 Ariko Gehazi yari yarabītangiye imbere; ashitse, arambika iyo nkoni ku maso y’umuvyimba, ariko ntiyakakaza canke ngo yumve. Araheza aragaruka, ahūra na we, aramubarira, at’ Umwana ntakangutse.

32 Maze Elisa ashitse, yinjira mu nzu, asanga uwo mwana yapfuye, arambaraye kuri bga buriri bgiwe.

33 Nuko yinjiye, yiyugarana wenyene n’uwo muvyimba, araheza asenga Uhoraho.

34 Maz’ arūrira, yubama kur’ uwo mwana, ashira umunwa ku wiwe, n’amaso ku yiwe, n’amaboko ku yiwe nyene; nukw amwubarayeko, umubiri w’uwo mwana utangura gushuha.

35 Maz’ aravyuka, akubita hirya mur’ iyo nzu, aragaruka, arongera arūrira, amwubararako; umwana araheza yāsamura ibihetangabo ndwi, arakanura.

36 Elisa ahamagara Gehazi, aramubarira, ati Hamagara uwo mugore w’Umunyashunemu. Nukw aramuhamagara. Ashitse, aramubarira, at’ Abīra umwana wawe.

37 Nukw arinjira, arunama ashika hasi imbere y’ibirenge vyiwe; araheza aterura umwana wiwe, arasohoka.


Elisa akūra ubumara mu mboga

38 Hanyuma Elisa asubira i Gilugali; ico gihe hari harateye inzara mu gihugu. Maz’ abiga ivy’ ukuvugishwa bicaye imbere yiwe, abarira umuntu wiwe, ati Tereka ya nkono nini ku ziko, utekere imboga aba biga ivy’ ukuvugishwa.

39 Umwe muri bo arasohoka aja ku gahinga gusoroma imboga; ahasanga umutanga, yamurakw ibitangatanga atega impuzu yiwe; araza abikekagurira muri ya nkono batetsemw’ imboga, kuko batari bazi ivy’ ari vyo.

40 Bahīshije, bārurira abo bantu ngo barye. Bagitamira izo mboga baraboroga, bati Yewe muntu w’Imana, mu nkono harimw’ ubumara bg’urupfu! Ntibāshobora kuzirya.

41 Aravuga, ati Ni munzanire ifu. Ayiterera mur’ iyo nkono, araheza aravuga, ati Ni mwārurire abantu, barye. Nuko basanga ata cago kikiri mu nkono.


Elisa atuma udutsima mirongwibiri duhāza abantu ijana

42 Maze haza umuntu avuye i Bayali‐shalisha, agemuriye uwo muntu w’Imana udutsima mirongwibiri twa sayiri y’umushuzo, n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze Elisa aravuga, ati Ni mubihe abantu, babirye.

43 Maz’ umusuku wiwe aramwishura, ati Non’ utu noduhēreza abantu ijana? Na we ati Pfa kubaha babirye; kuk’ ukw ari k’ Uhoraho agize, ati Barabirya banabisigaze.

44 Nukw abitereka imbere yabo, barabirya barabisigaza, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ