1 Yohana 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukwizera kw’Umukristo 1 Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we. 2 Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo. 3 Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora. 4 Kukw icavyawe n’Imana cose kinesha isi; iyi ni yo ntsinzi yacu yatsinze isi, n’ukwizera kwacu. 5 Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana? 6 Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. 7 Kandi Mpwemu ni we abishingira intahe, kuko Mpwemu ar’ ukuri. 8 Kukw ibishinga intahe ari bitatu, Mpwemu n’amazi n’amaraso: kand’ ivyo bitatu bihuriza hamwe. 9 Ko twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe y’Imana yo n’agaheta: kukw intahe y’Imana ar’ iyi, ar’ uko yashingiye intahe ivy’ Umwana wayo. 10 Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo. 11 Kand’ iyo ntahe n’iyi: n’ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo. 12 Ūfise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; ūdafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo. Amajambo yo guherezako 13 Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira. 14 Kand’ ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’ igomba, itwumva. 15 Kandi ko tuzi yuko yumva ico dusavye cose, bitumenyesha yuko duhawe ivyo tuyisavye. 16 Umuntu ni yabona mwene Data wundi akora icaha kitar’ ico kumwicisha, asenge, azohesha ubugingo abakoze ivyaha bitar’ ivyo kubicisha. Har’ icaha co kwicisha: ico si co mvuze kw asengera. 17 Kugabitanya kwose n’icaha, kandi har’ icaha kitar’ ico kwicisha. 18 Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako. 19 Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi. 20 Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira. 21 Bana bato, mwirinde ibigirwamana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi