Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Yohana 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bana banje bato, mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi,

2 kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Icerekana k’ufatanije n’Imana n’ukuyumvira

3 Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.

4 Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.

5 Arik’ uwitondera ijambo ryiwe wese, ugukunda Imana kuba guhīngūwe muri we vy’ukuri. Iki ni co kitumenyesha ko turi muri we:

6 ūvuga kw ahora muri we, akwiye na we kugenda nk’uk’ uwo yagenda.

7 Abo nkunda, s’icagezwe gisha mbandikiye, ariko n’icagezwe ca kera, mwamanye uhereye mbere na mbere: ico cagezwe ca kera ni co rya jambo mwumvise.

8 Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka.

9 Ūvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu.

10 Ūkunda mwene Data wundi aguma mu muco, nta gitsitaza kiri muri we.

11 Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.

12 Ndabandikiye bana bato, kukw ivyaha vyanyu mwabihariwe kubg’ izina ryiwe.

13 Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.

14 Narabandikiye ba se, kuko muzi uwahereye ubga mbere na mbere. Narabandikiye misore, kuko mufise inkomezi, kand’ ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi.

15 Ntimugakunde isi, cank’ ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we.

16 Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.

17 Kand’ isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ ūkora ivy’ Imana igomba yamah’ ibihe bidashira.


Imbūri zivuga ivy’ abiyita Kristo

18 Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw ar’ igihe c’iherezo.

19 Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.

20 Namwe mwarobanujwe amavuta n’Uwera, kandi muzi vyose.

21 Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko n’uko mukuzi, kandi kukw ata binyoma biva mu kuri.

22 Umubeshi ni nde, atar’ ūhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n’Umwana.

23 Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.

24 Mweho ico mwumvise uhereye mbere na mbere kigume muri mwebge. Ico mwumvise uhereye mbere na mbere ni caguma muri mwebge, namwe muzoguma mu Mwana no muri Se.

25 Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n’ubugingo budashira.

26 Ivyo ni vyo mbandikiye ku vy’abobazimiza.

27 Mweho ukurobanuzwa amavuta mwarobanujwe na we kuguma muri mwebge, namwe ntimurinda kugira uwo kubigisha, ariko nk’uk’ ukwo kubarobanura kwiwe kubigisha vyose, kand’ ar’ukw’ ukuri, atar’ ibinyoma, kandi nk’uko kwabigishije, ni ko muguma muri we.

28 Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuze dushire ubgoba, ntidutētererwe imbere yiwe ah’ azozira.

29 Ko muzi yuk’ uwo ar’ umugororotsi, murazi yuk’ ūkora ivy’ ukugororoka wese yavyawe na we.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ