1 Timoteyo 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw abantu bakwiye gusenga 1 Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanūra kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana: 2 kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose. 3 Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu, 4 igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ ukuri. 5 Kuko har’ Imana imwe, kandi har’ Umuhūza umwe w’Imana n’abantu, na we nyene n’umuntu, ni Kristo Yesu, 6 yitanze kw incungu ya bose. Kand’ ivyo bishingirwe intahe mu bihe vyavyo, 7 ni co nashiriweho kuba umusiguzi n’intumwa (mvuze ukuri, simbeshe) n’umwigisha wo kwigisha abanyamahanga ukwizera n’ivy’ ukuri. 8 Nuko ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri. 9 Kandi n’abagore nyene, ndagomba ko bambara imyambaro biberanye, bagendane isoni badahugumba kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’ izahabu, cank’ imaragarita, cank’ impuzu z’igiciro kinini, 10 ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana. 11 Umugore yige atekereje agamburuka rwose. 12 Ariko sinkundira umugore ko yigisha canke kw aganza umugabo, arikw atekereze. 13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva. 14 Kandi Adamu si we yahenzwe, arik’ umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro. 15 Yamar’ azokizwa kubg’ ukuvyara, ni bashishikara kwizera no kugira urukundo no kwezwa, bifatanye no kudahugumba. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi