Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Tesalonike 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukw Abakristo bakwiye kumera

1 Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.

2 Murazi ivyagezwe twahawe n’Umwami Yesu kubabarira ivy’ ari vyo.

3 Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;

4 kugira ng’ umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha,

5 atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira;

6 ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.

7 Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.

8 Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.

9 Arikw ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuk’ ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana;

10 kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b’i Makedoniya hose. Ariko bene Data turabahanūra ngo murushirize kugira rwinshi.

11 Kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk’uko twababariye,

12 kugira ngo mugendane ingeso nziza ku bo hanze, kandi mutagira ico mukennye.


Ukw abapfuye bazozuka

13 Ariko bene Data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’ abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.

14 Uko twizera yuko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yukw abāsinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na we.

15 Iki ni co tubabgira, n’ijambo ry’Umwami twashikirijwe, yuko twebge abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku kuza kw’Umwami wacu, tutazokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya.

16 Kuk’ Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’ abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka;

17 maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami.

18 Nuko mwiruranishe ayo majambo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ