1 Tesalonike 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Paulo yerekana uko yavuze ubutumwa bgiza 1 Bene Data, ubganyu murazi yuk’ ugushika muri mwebge kwacu kutābaye ukw’ ubusa: 2 ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi. 3 Kuk’ uguhanūra kwacu kutava mu buzimire, canke mu buhumane, kand’ atar’ ukw’ ubugunge: 4 ariko nk’ukw Imana yatwemeye ko tur’ abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga. Ntituvuga nk’abagomba kunezereza abantu, ariko nk’abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu. 5 Kukw ata na rimwe twigeze kuvuga ijambo dushashe akarimi, murabizi, cank’ ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c’ivyo. 6 Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo. 7 Ariko twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’ umurezi abungabunga abana biwe. 8 Ni ko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, s’ubutumwa bgiza bg’Imana gusa, ariko n’ubgacu bugingo na bgo, kuko mwabaye abo dukunda rwose. 9 Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra. 10 Mwebge mur’ ivyabona hamwe n’Imana vy’ingene twamerera mwebge abizera, tur’ abera, tugororoka, tutarik’ umugayo: 11 nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe, 12 kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo. Ukw abavuga ubutumwa bāgiriwe nabi 13 Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera. 14 Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda, 15 bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose; 16 batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose. Uko Paulo yakunda ab’i Tesalonike 17 Ariko twebge, bene Data, hamwe twatandukanywa namwe igihe gito ubg’ amaso, ariko si mu mutima, twarushirije kugira umwete wo kubonana namwe imbonankubone, tubafitiye inkumbu nyinshi: 18 kuko twagomba kuza i wanyu, mbere jewe Paulo kubigomba si rimwe ni kabiri kose, Satani akatubuza. 19 Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira? 20 Kukw ari mwebge cubahiro cacu n’umunezero wacu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi