Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Sauli aja kurondera indogoba za se zazimiye

1 Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.

2 Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.

3 Bukeye indogoba za Kishi se wiwe ziratakara. Kishi abarira Sauli umuhungu wiwe, ati Hitana umwe mu banyarugo, muje kurondera izo ndogoba.

4 Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.

5 Hanyuma bashitse mu ntāra y’i Sufi, Sauli abarira uno muntu bari kumwe, at’ Ingo dutahe, data ntahave ahagarikira umutima twebge kuruta indogoba.

6 Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.

7 Maze Sauli abaza uwo muntu wiwe, ati Mbega none, ni twajayo tumugemura iki? Kw impamba yashize mu masaho yacu, tukaba ata ngemu tugira yo guha uwo muntu w’Imana. Mbega har’ ico dufise?

8 Uwo muntu yishura Sauli, at’ Ehe ndafise ikigirakane ca shekeli y’ifeza; ndagiha uwo muntu w’ Imana kugira ngw aturangire inzira.

9 (Kera mu Bisirayeli, umuntu iyo yagira ic’ aja gusiguza Imana, yavuga, ati Hogi tuje kwa kamenyi; kuk’ uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi.)

10 Nuko Sauli abgira uwo muntu wiwe, ati Ni vyiza; ngwino tugende. Nuko baja ku gisagara ah’ uwo muntu w’Imana yaba.

11 Bakidūga umusozi ngo bashike ku gisagara, bahūra n’abigeme bavuyeyo baja kuvoma; barababaza, bati Mbega kamenyi ni ho ari?

12 Barabishura, bat’ Ego me; nguyo ah’ imbere yanyu; ariko munyaruke: ni ho agishika mu gisagara, azanywe n’ukw abantu bagira batange ibimazi ku mpinga y’umusozi.

13 Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.

14 Nuko baradūga ngo baje mu gisagara; bagishikayo baca bahūra na Samweli avayo ngw adūge ku mpinga y’umusozi.


Samweli amenya ko Sauli ari we Imana yatoranije

15 Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,

16 at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.

17 Nuko Samweli agikubita ijisho Sauli, Uhoraho aramubarira, at’ Ehe nguyo wa muntu nakubarira! Uyo ni we azoganza abantu banje.

18 Nuko Sauli yēgēra Samweli aho nyene mw irembo ry’igisagara, aramubarira, ati Ntabara undangire inzu ya kamenyi ah’ itumbereye.

19 Samweli aramwishura, at’ Erega ni jewe nyene kamenyi; none hogi tuje ku mpinga y’umusozi, kuk’ uyu musi muribusangire nanje; maz’ ejo mu gitondo nzokurekura, ngusobanurire ibiri mu mutima wawe vyose.

20 Kandi ku vya za ndogoba zawe, zimaze gatatu zizimiye, ntiziguhagarike umutima: zārabonetse. Mbeg’ ivy’ igikundiro vyose vyo mu Bisirayeli bibīkiwe nde? Si wewe nyene, n’inzu yose ya so?

21 Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?

22 Maze Samweli ajana Sauli n’ umuntu wiwe, abinjiza mu nzu yo kuzimaniramwo, abaha ivyicaro vy’icubahiro mu bātowe, bāri nka mirongwitatu.

23 Maze Samweli abarira umusuku, ati Zana wa mutigiri nakubarira.

24 Nuk’ uwo musuku azana igikenye c’ukuguru n’inkenyūre zaco, agitereka imbere ya Sauli. Maze Samweli aravuga, at’ Ehe ngibi ivyo wateguriwe; shirak’ ufungure, kukw ari wewe wabiteguriwe gushitsa iki gihe cāshinzwe, kugira ng’ usangire n’ abandi bāhamagawe. Nuk’ uwo musi Sauli asangira na Samweli.

25 Bavuye aho ku mpinga y’umusozi, baramanuka bashika mu gisagara, Samweli aja kugānirira na Sauli hejuru ku nzu.

26 Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.

27 Bakimanuka, bashitse ah’ igisagara kigarukira, Samweli abarira Sauli, ati Barira uwo muntu wawe atambuke imbere; nawe uhagarare gatoya, nkumenyeshe ijambo ry’ Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ