1 Samweli 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abisirayeli basaba Uhoraho ngw abahe umwami 1 Maze Samweli ageze mu zabukuru, abahungu biwe abagira abacamanza b’Abisirayeli; 2 imfura yiwe yitwa Yoweli, uw’ ubuheta yitwa Abiya. Baba abacamanza b’i Beri‐sheba. 3 Yamar’ abo bahungu biwe ntibāri n’ingeso nk’ iziwe, ariko bākebereje gukurikira inyungu mbi, bakarya ingurire, bakagoreka imanza. 4 Nukw abakuru b’Abisirayeli bose barakorana, baja i Rama kwa Samweli, 5 baramubarira, bat’ Ehe rāba urashaje, kand’ abahungu bawe ntibafise ingeso nk’izawe; none rer’ utwimikire umwami wo kuducīra imanza nk’ayandi mahanga yose. 6 Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho. 7 Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo. 8 Bakugiriye nk’uko bāngiriye muri vyose, uhereye umusi nabadūganye mbakūye muri Egiputa ukageza n’ubu; kuko bāntaye, bagasaba izindi mana. 9 None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera. Samweli abamenyesha uk’ umwami azobamerera 10 Nuko Samweli asigurira abantu bamusavye umwami ivyo Uhoraho yamubariye vyose. 11 Aravuga, at’ Umve ubugene umwami agiye kubaganza azobagirira: azofata abahungu banyu abashinge gukora ivy’ imikogote yiwe n’ivy’ amafarasi yiwe, no kwiruka imbere y’imikogote yiwe; 12 abandi azobashinga kuba abagabisha b’ingabo, bamwe igihumbi abandi mirongwitanu; abandi azobagira abarimyi n’abimbuzi biwe, n’abo gucura ibirwanishwa vyiwe vy’intambara n’ivyuma vy’imikogote yiwe. 13 Kand’ azofata abakobga banyu, abashinge kuba abasyi b’imbazi n’abatētsi n’abacumvyi. 14 Kand’ azofata imirima yanyu n’imizabibu yanyu n’imyelayo yanyu, ibiruta ibindi kuba vyiza, abihe abantu biwe. 15 Kand’ azobatoza ibigiracumi vy’impeke zanyu n’inzabibu kw amarari, abihe abīshikira biwe n’abantu biwe. 16 Kand’ azobanyaga abagurano banyu b’abahungu n’abakobga, yikubitire intorwa mu nka zanyu no mu ndogoba, abikoreshe ibikorwa vyiwe. 17 Kand’ azobatwara ikigiracumi c’imikuku yanyu, namwe azobagaba ukw agomba. 18 Maz’ umusi muzobibona muzoborōzwa n’uwo mwami mwitoreye; arik’ uwo musi nta co Uhoraho azobishura. 19 Arikw abantu banka kwumva ivyo Samweli ababariye, baravuga, bati Nta co biriko, turagomba umwami wo kutuganza, 20 kugira ngo natwe tumere nk’ayandi mahanga yose, tugire umwami wo kuducīra imanza no kutuja imbere no kuturwanira mu ntambara. 21 Samweli yumvise ivyo abantu bavuze vyose, abishikiriza Uhoraho. 22 Uhoraho aramwishura, ati N’ubemerere, ubimikire umwami. Maze Samweli abarira Abisirayeli, ati Mwese ni mwītāhire mu bisagara vy’i wanyu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi