Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi asanga Abamaleki banyaze i Sikulagi

1 Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,

2 bānyaze abagore n’abāri mur’ ico gisagara bose, abato n’abakuru; ntibāri bagize uwo bica, atar’ ukubajana ar’ inyagano, bakīgīra.

3 Nuko Dawidi n’abantu biwe bashitse kur’ ico gisagara, ni kwo gusanga bāgituriye, kand’ abagore n’abana babo b’abahungu n’abakobga bājanywe ar’ inyagano.

4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we baraturikisha, bararira, gushitsa aho batakibasha kurira.

5 Kand’ abagore ba Dawidi bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili yahora ari muka Nabali w’i Karumeli, na bo bāri bājanywe ar’ inyagano.

6 Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


Dawidi agarukana ivyanyazwe

7 Maze Dawidi abarira Abiyatari umuherezi mwene Ahimeleki, ati N’unzanire efodi hano. Nuko Abiyatari azanira Dawidi efodi.

8 Dawidi araheza asiguza Uhoraho, ati Mbega ni nakurikira ico gitero nzogihamvya? Aramwishura, ati N’ubakurikire, kuk’ utazobura kubahamvya, ukabāka vyose.

9 Nuko Dawidi aragenda, bo na za ngabo zari kumwe na we ukw ar’ amajana atandatu; bashitse ku mugezi Besori, abāri basigaye inyuma bagumaho.

10 Ariko Dawidi araramiriza, bo n’abantu amajana ane; abandi amajana abiri barasigara, kuko bari barushe, bananirwa kujabuka umugezi Besori.

11 Hanyuma baseruka ku Munyegiputa mu gahinga, bamuzanira Dawidi; bamutamika agatsima, bamuramiza n’utuzi,

12 bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.

13 Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.

14 Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.

15 Dawidi aramubaza, ati None wonjana ukanshikana mur’ ico gitero? Aramwishura, ati Ndahira Imana k’utazonyica, canke k’utazontanga mu maboko ya databuja, mpeze ndakujane ah’ ico gitero kiri.

16 Nukw amumanukanye, basanga bagandagaje, bariko bararya, binywera, batārīka, bahimbawe n’inyagano nyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya no mu c’Abayuda.

17 Dawidi aca ashirakw arabica, uhereye bugihwībīra ugashitsa ku mugoroba wa bukeye; ntiharokoka n’umwe, atar’ abahungu b’imisore amajana ane, bāsimbiye ku ngamiya bagahunga.

18 Dawidi yigarukanira ivyo Abamaleki bari banyaze vyose, arokora n’abagore biwe bompi.

19 Ntihāgira ico babura, ari gito ari kinini, ar’ abana b’abahungu cank’ ab’ abakobga, ar’ ico mu nyagano canke mu vyari vyasahuwe; Dawidi abigarukana vyose.

20 Dawidi anyaga intama n’inka zose, bazishorera imbere y’izabo, baravuga, bat’ Uyu ni wo munyago wa Dawidi.

21 Maze Dawidi ashika kuri ba bantu amajana abiri bāri barushe, bananirwa kumukurikira, bakabasiga ku mugezi Besori; baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we. Dawidi abashikiriye arabaramutsa.

22 Maz’ abantu bose b’abanyakibi b’abagesera mu bāri bājanye na Dawidi baravuga, bati Ntitubaha ku vyari vyaranyazwe twigarukaniye, kuko batājanye natwe; shit’ umuntu wese turamuha umugore wiwe n’abana, babajane bagende.

23 Ariko Dawidi arababarira, ati Bagenzi banje, ntimwogenza murtyo ivyo Uhoraho yaduhaye, n’ukuntu yatuzigamye, akagabura mu maboko yacu ico gitero cari caduteye.

24 Har’ uwokwemera iyo nama yanyu? Uwagiye mu ntambara n’uwasigaye ku bintu bararinganiza umutigiri: baragabangana banganye.

25 Nuk’ uhereye uwo musi abigira icagezwe n’ibgirizwa mu Bisirayeli na bugingo n’ ubu.

26 Maze Dawidi ashitse i Sikulagi, arungikira abakunzi biwe b’ abashingantahe b’i Buyuda ku minyago, ati Ngivyo ivyo mbagabiye bivuye ku minyago y’abansi b’ Uhoraho.

27 Abirungikira ab’i Beteli, n’ab’i Ramoti h’i bumanuko, n’ab’i Yatira;

28 n’ab’i Aroweri, n’ab’i Sifumoti, n’ab’i Eshitemowa;

29 n’ab’i Rakala, n’abo mu bisagara vya ba Yerameyeli, n’abo mu bisagara vy’Abanyakeni;

30 n’ab’i Horuma, n’ab’i Korashani, n’ab’i Ataki;

31 n’ ab’i Heburoni, n’ab’ ahandi hose aho Dawidi n’abantu biwe bāhora bayerērera.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ