Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi yihebūye, ahungira mu Bafilisitiya

1 Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.

2 Nuko Dawidi arahaguruka, bo na za ngabo amajana atandatu zari kuri we, barajabuka baja kwa Akishi mwene Mayoki, umwami w’i Gati.

3 Nuko Dawidi n’izo ngabo ziwe baba i Gati kwa Akishi, umuntu wese n’abo mu rugo rwiwe; Dawidi na we yari kumwe n’abagore biwe bompi, Ahinowamu w’i Yezireli, na Abigayili w’i Karumeli, yahora ari muka Nabali.

4 Maze babariye Sauli ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyasubira kumurondera ukundi.

5 Maze Dawidi abarira Akishi, ati Ni naba ngutonnyeko, ntabaza ikibanza mu gisagara kimwe co mu vyo mu gihugu, abe ari ho nja kuba; har’ icotuma jewe umusavyi wawe ndinda kubana nawe ku murwa wawe?

6 Nuk’ uwo musi Akishi amugabira i Sikulagi; ni co catumye i Sikulagi haba ah’ abami b’Abayuda bīzīziye na bugingo n’ubu.

7 Igihe Dawidi yamaze mu gihugu c’Abafilisitiya n’ umwaka n’amezi ane.


Dawidi aca mu kēnge kugira ngo Akishi amwizigire

8 Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.

9 Nuko Dawidi ageseza ico gihugu, ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe; anyaga intama n’inka n’ indogoba n’ingamiya, asahura n’ impuzu; maze yatabāruka akaja kwa Akishi.

10 Akishi ngw amubaze, at’ Uyu musi wateye hehe? Dawidi akamwishura, ati Nateye i bumanuko mu Buyuda; cank’ ati Nateye i bumanuko mu ba Yerameyeli; cank’ ati Nateye i bumanuko mu Banyakeni.

11 Ariko Dawidi ntiyagira umugabo cank’ umugore asiga atishe, kugira ngo ntabajane i Gati, ati Boye kuturega, ngo Dawidi yakoze artya n’ artya. Uko ni ko yahora agenza igihe cose yamaze aba mu gihugu c’Abafilisitiya.

12 Nuko Akishi aca yizigira Dawidi, akavuga, ati Yatumye Abisirayeli bagenzi biwe bamuzinukwa rwose; noneh’ abaye umuntu wanje gushitsa ibihe vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ