Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi arya ku mitsima y’ibiterekērwa

1 Maze Dawidi aja i Nobu kwa Ahimeleki umuherezi; Ahimeleki aza kumusanganira ahinda agashitsi; aramubaza, ati Vyagenze bite, k’uri wenyene ata waguherekeje?

2 Dawidi yishura Ahimeleki umuherezi, at’ Umwami yantumye ku rubanza, arambarira ngo ntihagire umuntu n’umwe amenya ivy’ urwo rubanza yantumyeko, cank’ ico yangeze. Kand’ imikangara yanje nayirangiye ko tuzohūrira ahanaka.

3 Mbega nta kazimano? Ntabaza udutsima dutanu, cank’ ico wobona cose.

4 Uwo muherezi yishura Dawidi, ati Nta mitsima isanzwe mfise, atar’ iyejejwe; n’imiburiburi iyaba iyo mikangara idaherūkanye n’ abagore.

5 Dawidi yishura uwo muherezi, ati Vy’ukuri haciye imisi itatu dutandukanye n’abagore; kandi twavuye i muhira ibintu vy’iyo mikangara vyejejwe, nah’ ar’ urugendo nk’izindi. Non’ uyu musi ibintu vyabo ntibiheza bikarushiriza kuba ivyera?

6 Nuk’ uwo muherezi amuha imitsima yejejwe, kukw ata yindi yariho atar’ iy’ ibiterekērwa, iyo bāhora bakūra imbere y’Uhoraho, bagasubizah’ iyigishūshe ku musi bayikūyeho.

7 Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.

8 Dawidi abaza Ahimeleki, ati Mbega nta cumu wogira hano cank’ inkota? Nta nkota nazanye cank’ ikindi kirwanishwa, kuk’ urubanza rw’umwami rwar’ urwo kwihuta.

9 Uwo muherezi aramwishura, ati Ya nkota ya Goliyati wa Mufilisitiya watsinda mu mwonga Ela, ehe ngiyi iri hano, izingiriwekw impuzu inyuma ya efodi; ni wagomba kuyijana, uyijane, kukw ata yindi iri hano atar’ iyo. Dawidi aramwishura, ati Nta yiruta iyo; yimpe.

10 Uwo musi Dawidi arahaguruka ahunga Sauli, aja kwa Akishi umwami w’i Gati.

11 Abantu ba Akishi baramubarira, bat’ Uyu si Dawidi umwami wa ca gihugu? Si we bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?

12 Ayo magambo atuma Dawidi ahagarika umutima, agirira Akishi umwami w’i Gati ubgoba bginshi.

13 Araheza yigira ukundi imbere yabo, yisarishiriza muri bo, aharamba inzugi z’irembo, akarekura urukonda rugashororokera mu bganwa.

14 Akishi abarira abo bantu biwe, at’ Aho ntimubona k’uyo muntu yasaze? Icatumye mumunzanira n’iki?

15 Mbega har’ abasazi nari nkennye mu ko munzanira uru rugabo kunsarira imbere? Urugabo nk’uru rwongīra mu nzu?

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ