Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi na Yonatani baja inama

1 Nuko Dawidi arahunga, ava i Nayoti i Rama, araza abaza Yonatani, ati Mbega nzira iki? Nacumuye mu ki? Ikibi nagiriye so n’igiki, gituma arondera kunyica?

2 Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.

3 Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.

4 Maze Yonatani yishura Dawidi, at’ Ico ugomba cose nzokigukorera.

5 Dawidi aramwishura, at’ Ejo ukwezi kuzoboneka, kandi nta cari gikwiye kumbuza gusangira n’umwami; ariko ndekura ngende ninyegeze ku musozi, gushitsa ku musi ugira gatatu ku mugoroba;

6 maze so ni yaramuka andāvye akambura, uz’ uheze uvuge, uti Dawidi yaranyinginze ngo ndamurekure anyanyase, akubite i wabo i Betelehemu, ngo Kukw igihe co gutangira umuryango wose ikimazi c’umwaka kigeze.

7 Maze ni yavuga, ati Nuko ni vyiza; umusavyi wawe nzoba nd’ amahoro; ariko ni yaraka, uzoca umenya ko yamaramaje ivyo kuzongirira nabi.

8 Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?

9 Yonatani aramwishura, ati Biragahera! None nomenya ko data afise inama yo kukugirira nabi, sinoca ndabikubgira?

10 Maze Dawidi abaza Yonatani, ati None so ni yakwishura nabi, nzobibgirwa n’iki?

11 Yonatani aramubarira, ati Hogi dusohoke tuje ku gahinga.

12 Nuko Yonatani abarira Dawidi, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni we cabona; ejo nk’aya mango, canke hirya y’ejo, nzoba nāmaze gucaca data; maze ni nasanga akuvuga neza, nzoca ngutumako, ndabikumenyeshe.

13 Ariko data ni yaramuka agomba kukugirira nabi, simbikumenyeshe, ngo nkurungike wīgīre uburarame, Uhoraho abimpanire, kandi birushirije. Kand’ Uhoraho az’ abane nawe nk’uko yabana na data.

14 Namba nzoba nkibayeho, uz’ ungirire imbabazi nk’iz’ Uhoraho;

15 na ho ni napfa, na ho nyene ntuz’ ukūre imbabazi zawe ku nzu yanje gushitsa ibihe vyose, eka mbere gushitsa ah’ Uhoraho azoba ahejeje kurandura abansi bawe bose kw isi.

16 Nuko Yonatani asezerana isezerano n’inzu ya Dawidi, ati Ni waricamwo, Uhoraho azoriguhōra atumye abansi bawe.

17 Nuko Yonatani yongera kurahiza Dawidi kubg’ urukundo yamukunda, kuko yamukunda nk’uko yikunda.

18 Maze Yonatani aramubarira, at’ Ejo k’ukwezi kuzoboneka, bazokurāba bakubure, kukw icicaro cawe kizoba kirimw’ ubusa.

19 Maze ku musi ugira gatatu, uz’ uce umanuka vuba, usubire ha handi wari winyegeje ku musi wa vya bindi, ugume hambavu ya ca gihongo c’amabuye.

20 Nanje nzorasa imyampi itatu i ruhande yaco, nk’aho ndi n’ico ngenekereje;

21 nce ntuma umwana, ndamubarire, nti Genda utore irya myampi. Maze ni nabarira nya mwana, nt’ Eh’ imyampi iri hino yawe, n’uyābīre; uz’ uheze uze, kukw azoba ar’ amahoro, ata co kwinona, nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho.

22 Ariko ni nabarira nya muhungu, nt’ Eh’ imyampi iri hirya yawe; uz’ uheze uhunge, kuk’ Uhoraho azoba aguhungishije.

23 Kand’ iri jambo tuvuganye twe nawe, Uhoraho abe hagati yacu ibihe vyose.

24 Nuko Dawidi yinyegeza ku musozi; bukeye ukwezi kubonetse, umwami aravyagira ngw afungure.

25 Kandi yar’ avyagiye ku ntebe yiwe, nk’uko yahora, ari yo ntebe yegamiye inzu; Yonatani yar’ amutumbereye, Abuneri yicaye i ruhande ya Sauli; arikw icicaro ca Dawidi carimw’ ubusa.

26 Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.

27 Ku musi ugira kabiri, ukwezi gusībiye kubonetse, na ho nyene icicaro ca Dawidi carimw’ ubusa. Maze Sauli abaza umuhungu wiwe Yonatani, at’ Ejo n’iki cabujije mwene Isayi kuza gusangira natwe, kugeza n’uyu musi akaba ataje?

28 Yonatani aramwishura, ati Dawidi yaranyinginze ngo ndamurekure akubite i wabo i Betelehemu;

29 yarambgiye ngo ndamutabare ndamurekure, ngo Kukw i wabo mur’ ico gisagara bazotanga ikimazi, ngo Kandi mukuru we yamutumyeko; ngo Kandi ni naba ndamugiriye neza, ngo Ndamurekure, aje kubonana na bakuru be. Ico ni co camubujije kuza ku meza yawe, mwami.

30 Maz’ uburake bga Sauli buziriringira Yonatani, aramubarira, ati Wa mwana w’umugore w’intumva kandi w’inshirukanya! Mbeg’ ugira ngo sindabizi ko watoranije mwene Isayi ngo wīmāramāze, wambike na nyoko ibara?

31 Erega mwene Isayi agihumeka, nta guhangama kwawe, nta n’ugutsindaza kw’ingoma yawe. Nuko tuma bamunzanire; n’ukuri azopfa nta kabuza!

32 Maze Yonatani yishura se Sauli, ati Non’ apfa azize iki? Yakoze iki?

33 Sauli amutera icumu ngw amwice; bituma Yonatani amenya ko se yamaramaje kwica Dawidi.

34 Maze Yonatani aca ava ku meza afise ishavu ryinshi; kur’ uwo musi ugira kabiri w’ukwezi ntiyagira ico atamira na mba, kuko yababajwe n’ivya Dawidi, kandi n’uko se amutētereje.

35 Bukeye mu gitondo Yonatani aja kuri wa musozi mu gihe yaraganye na Dawidi, ari kumwe n’ umwana mutoya.

36 Maz’ abarira uwo mwana, at’ Irukanga utore imyampi ngira ndase. Umwana aciruka, Yonatani arekura umwampi, uramurēngāna.

37 Nya mwana ashitse aho Yonatani arashe umwampi, Yonatani amutera akamo, ati Mbega nta wo ubona hiyo yawe?

38 Yongera kumutera akamo, ati Bandanya unyaruke, ntuhagarare. Nuko nya mwana wa Yonatani atora imyampi, agaruka aho shebuja ari.

39 Arik’ uwo mwana ntiyagira ico amenya; Yonatani na Dawidi bonyene ni bo bāri babizi.

40 Maze Yonatani aha uwo mwana umuheto wiwe n’imyampi, aramubarira, ati Hogi bijane mu gisagara.

41 Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.

42 Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ