1 Samweli 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yonatani avugira Dawidi kuri Sauli 1 Bukeye Sauli abarira Yonatani umuhungu wiwe bo n’ abantu biwe bose ngo bice Dawidi. Ariko Yonatani mwene Sauli yakunda Dawidi cane. 2 Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe. 3 Nanje nzogenda mpagararane na data ku musozi ah’ uzoba uri nyene, mvugane na we ivyawe; ni nagira ico numva cose nzokikubarira. 4 Bukeye Yonatani avugana na se Sauli, amushimira Dawidi; aramubarira, ati Mugenzi, ntuz’ ugirire nabi Dawidi umusavyi wawe, kukw ata kibi yakugiriye; mber’ ivyo yagukoreye vyabaye vyiza cane, 5 kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa? 6 Nuko Sauli yumvira Yonatani, aramurahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’ Uhoraho akaba agipfuye! 7 Yonatani arahava ahamagara Dawidi, amwīgānira ivyo vyose. Nuko Yonatani arengukana Dawidi imbere ya Sauli, aguma ngaho nk’uko yahora. Sauli yongera guhīga Dawidi 8 Bukeye hasubira kuba intambara; Dawidi aratabara, arwana n’Abafilisitiya, abatikiza agatikizo gakomeye; abasigaye barahunga. 9 Bukeye ya mpwemu mbi irungitswe n’Uhoraho iza kuri Sauli, avyagiye mu ngoro yiwe, afise icumu mu minwe; Dawidi amuvugiriza inanga. 10 Sauli agerageza gusākiza Dawidi icumu, ngo rirume ku nzu; Dawidi ararizibukira, amuva imbere, rinega ku nzu. Nuko mur’ iryo joro nyene Dawidi arahunga, aramukira. 11 Maze Sauli atuma abantu ngo baje kwa Dawidi, bamuryamire, kugira ngo ni bgāca bamwice. Maze Mikali, muka Dawidi, aramubarira, at’ Iri joro n’utanyaga amagara, ejo bazokwica. 12 Nuko Mikali acisha Dawidi mw idirisha, aramwururutsa, na we aca aratemesha, arahunga. 13 Mikali araheza ahitana terafimu, ayirambika ku buriri, ayishirakw ikijishano c’ ubushenza bg’impene mu mutwe, ayorosakw impuzu. 14 Nukw izo ntumwa Sauli yarungitse gufata Dawidi, Mikali arazibgira, at’ Ararwaye. 15 Hanyuma Sauli yongera gutuma izo ntumwa ngo barābe Dawidi, ati Mumuterurane n’uburiri mumudūgane, mumunzanire, ndamwice. 16 Nukw izo ntumwa zinjiye zisanga terafimu ari yo iri ku buriri, na ca kijishano c’ubushenza bg’impene kiri mu mutwe wayo. 17 Sauli abimenye, abaza Mikali, ati N’iki caguteye kumpenda urtyo, ukareka umwansi wanje, agacika? Mikali yishura Sauli, ati Yambgiye, ati Ndeka ngende, sinkwice. 18 Nuko Dawidi ni kwo guhunga agacika, akaja i Rama kwa Samweli, amwīgānira ivyo Sauli yamugiriye vyose. Hanyuma ahagurukana na Samweli, baja i Nayoti, bagumayo. 19 Maze babgira Sauli, bat’ Erega Dawidi ar’ i Nayoti i Rama. 20 Nuko Sauli atuma abantu gufata Dawidi: bashitseyo, basanga abavugishwa n’Imana b’agakama bariko baravugishwa, na Samweli ahagaze ngaho nk’umukuru wabo; maze Mpwemu w’Imana aza kur’ izo ntumwa za Sauli, na zo zica ziravugishwa. 21 Babibgiye Sauli, atuma izindi ntumwa, na zo zishitse ziravugishwa. Arongera atuma izindi ubugira gatatu, na zo n’uko ziravugishwa. 22 Araheza arisidukira, aja i Rama, ashikira kw iriba rinini ry’i Seku, arabaza, ati Samweli na Dawidi bari hehe? Umuntu aramwishura, ati Bar’ i Nayoti i Rama. 23 Aca agenda i Nayoti i Rama; maze Mpwemu w’Imana amuzako na we, agenda aravugishwa kurinda ashika i Nayoti i Rama nyene. 24 Ashitseyo yīkiza impuzu ziwe, avugishirizwa imbere ya Samweli arambaraye hasi yambaye ubusa, yiriza umusi akēsha ijoro. Ni co catumye bavuga, bati Mbega Sauli na we yari mu bavugishwa n’Imana? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi