Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Samweli 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yonatani atera insago z’Abafilisitiya

1 Umusi ur’ izina, Yonatani mwene Sauli abarira umuhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago z’Abafilisitiya hakurya. Ariko ntiyabibarira se.

2 Kandi Sauli yar’ ashagaje ah’ i Gibeya hagarukira, musi y’igiti c’umukomamanga c’i Miguroni, ari kumwe n’abantu nk’amajana atandatu,

3 harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.

4 Kandi mur’ ako kavōvo, aho Yonatani yagomba guca ngw ashikīre za nsago z’Abafilisitiya, mu ruhande rumwe hār’ igitandara gisongoye, mu rundi ikindi; kimwe citwa Bosesi, ikindi citwa Sene.

5 Igitandara kimwe cari gihagaze ahahera i burārūko, aharābana n’i Mikimashi, ikindi ahahera i bumanuko, aharābana n’i Geba.

6 Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.

7 Ūmutwaje ibirwanishwa aramwishura, ati Kora ico wiyumvira cose: hogiyo, turajana ah’ ugomba kuja hose.

8 Yonatani aramwishura, ati Nuko rero tujabuke, duseruke ah’ abo bagabo batubona;

9 maze ni batubarira, bati Ni mugume aho, turaje; duhagarare, twoye kudūga ngo tuje iyo bari.

10 Ariko ni batubarira, bati Ni muze ino; duce tudūga, kuk’ Uhoraho azoba abagabuye mu maboko yacu: kand’ ico ni co kija kutubera ikimenyamenya.

11 Nuko bompi baseruka ah’ abo mu nsago z’Abafilisitiya bababona; maz’ Abafilisitiya baravuga, bat’ Ehe rāba Abaheburayo barasokorotse mu myobo bāri binyegejemwo!

12 Abo mur’ izo nsago bahamagara Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bati Ni mudūge ino, ico tubereka! Nuko Yonatani abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Nkurikira, kuk’ Uhoraho abagabuye mu maboko y’Abisirayeli.

13 Nuko Yonatani aharāmba yāvūra, n’ūmutwaje ibirwanishwa ar’ inyuma yiwe. Ba Bafilisitiya Yonatani arabahindikiranya, bagwa imbere yiwe, n’ūmutwaje ibirwanishwa agenda arabahohosha inyuma yiwe.

14 Mur’ ukwo kugeseza kwa mbere kwa Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bishe abantu nka mirongwibiri, babatsinda ahantu hangana n’ikivutu umuntu yorima mu gihimba c’umusi.

15 Maze haba gucika ivutu aho bashagaje n’inyuma yaho, mbere no mu ngabo zose; abo mu nsago na ba banyazi na bo bagwa mu gatengo; isi na yo iratigita, haba gucika ivutu gutewe n’Imana.


Yonatani arenga ivyo Sauli yihanikirije

16 Inderetsi za Sauli zar’ i Gibeya h’i Bubenyamini bagize bartya, babona izo ngabo zishwiragiye, ziruka hirya no hino.

17 Maze Sauli abarira abantu bari kumwe na we, ati Ni muharūrane, murābe ko har’ uwacu yoba yatuvuyemwo. Baharūye, basanga Yonatani n’uwamutwaza ibirwanishwa batariho.

18 Maze Sauli abarira Ahiya, ati Zana hano isandugu y’Imana; kuko mur’ iyo misi isandugu y’Imana yajana n’ Abisirayeli.

19 Maze Sauli akirikw aravugana n’umuherezi, urwamo rwari mu nsago z’Abafilisitiya rurarushiriza; nuko Sauli abarira uwo muherezi, at’ Isigireho.

20 Nuko Sauli n’abantu bari kumwe na we bose barakorana baja mu ntambara, basanga basubiranyemwo, bariko barazibagurana inkota, bacitse umuhongo rwose.

21 Maz’ Abaheburayo bari basanzwe bafatanije n’Abafilisitiya ubga mbere, bakaba bāradūganye na bo aho bāja gusagaza, na bo barahinduka, bifatanya n’Abisirayeli bari kumwe na Sauli na Yonatani.

22 Kand’ Abisirayeli bose bari binyegeje mu mugamba w’Abefurayimu, bumvise kw Abafilisitiya bahunze, na bo nyene babōma inyuma babarwanya.

23 Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.

24 Maz’ uwo musi Abisirayeli bacika intege; kuko Sauli yari yarahije abantu, akavuga, ati Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira butaragoroba, ntaraheza kwihōra abansi banje. Nuko nta muntu n’umwe muri bo yagize ico atamira.

25 Maz’ abantu bose baja mu kibira; kandi hasi har’ ubūki.

26 Nuko bashitse mur’ ico kibira, basanga ubgo būki buriko burashonga; ariko ntihagira umuntu n’umwe akoza intoke ku munwa, kuko bātinya kurenga indahiro.

27 Ariko Yonatani we, igihe se yarahiza abantu, ntiyumva, ni kwo gutuma inkoni yitwaje, akayikoza ku mutsāma w’ ubūki, agashira mu kanwa, akajisho kakagaruka.

28 Maz’ umwe mur’ abo bantu aramubarira, at’ Erega so yari yihanikirije abantu, arabarahiza, ngo Haravumwe umuntu aza kugira ico atamira uyu musi. Kand’ abantu bari badendebukiwe.

29 Maze Yonatani aramwishura, ati Data yagiriye abantu nabi! Ehe rāba ingen’ akajisho kagarutse, aho ntamiriye kur’ ubu būki.

30 Uyu musi iyaba abantu baretswe bakarya ku vyo basahuye abansi babo, vyari kugenda neza; ariko noneho mu Bafilisitiya ntihapfuye benshi cane.

31 Nuk’ uwo musi bica Abafilisitiya, uhereye i Mikimashi ugashitsa i Ayaloni; arikw abantu bari badendebukiwe cane.

32 Hanyuma bagurukira ku myiri banyaze, bafata intama n’inka n’inyana, bazitsinda hasi barazizibagura, bazirya zikirimw’ amaraso.

33 Baca babibarira Sauli, bat’ Ereg’ abantu baracumuye k’Uhoraho, kuko bariko bararya inyama amaraso akirimwo. Arababgira, ati Murahemutse; ni muntembagarize hano ibuye rinini.

34 Maze Sauli aravuga, ati Ni mugende mukwiragire mu bantu, mubabgire, umuntu wese anzanire inka yanyaze cank’ intama, ayikererere hano. Muheze muzirye, mureke gucumura k’Uhoraho, mukazirya amaraso akirimwo. Nuko mur’ iryo joro umuntu wese muri bo azana inka yanyaze, bazikerereraho.

35 Maze Sauli yubakira Uhoraho igicaniro; kand’ ico gicaniro ni co ca mbere yubakiye Uhoraho.


Abantu bakiza Yonatani ngo Sauli ntamwice

36 Maze Sauli aravuga, at’ Enda ni muze tumanuke, dukurikire Abafilisitiya iri joro, turāre turabanyaga gushitsa mu macaca, ntihagire umuntu n’umwe dusiga. Baramwishura, bati Kora uk’ ugomba kwose. Arik’ umuherezi ati Ni mwīgire hano twēgēre Imana.

37 Nuko Sauli asiguza Imana, ati Mbega mmanuke nkurikire Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko y’Abisirayeli? Arik’ uwo musi ntiyamwishura.

38 Maze Sauli aravuga, ati Ni mwīgire hano, mwese abakuru b’abantu, musuzume murābe icaha cakozwe uyu musi ic’ ari co.

39 Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yama arokora Abisirayeli, naho yoba umwana wanje Yonatani, arapfa nta kabuza! Ariko mu bantu bose ntihagira n’umwe agira ico amwishura.

40 Maz’ abarira Abisirayeli bose, ati Ni muherēre ku ruhande rumwe, nanje na Yonatani umwana wanje turaherēra ku rundi. Nukw abantu bishura Sauli, bati Kora uk’ ugomba.

41 Maze Sauli aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, (n’ iki gitumye utishura umusavyi wawe uyu musi? Namb’ ico caha kiri muri jewe canke muri Yonatani umwana wanje, Uhoraho Mana y’Abisirayeli, rekura Urimu, arikw asangwa kiri mu bantu bawe Abisirayeli), rekura Tumimu. Nuk’ ubupfindo bufata Yonatani na Sauli, arikw abantu barēra.

42 Maze Sauli aravuga, ati Ni mudupfindire twe na Yonatani umwana wanje. Nuko Yonatani arafatwa.

43 Sauli araheza abgira Yonatani, ati Mbarira ico wakoze. Yonatani aramwishura, ati Nakojeje inkoni nari nitwaje mu mutsāma w’ubūki, ndumviriza; none rero ndemeye gupfa.

44 Sauli aramwishura, ati Ni wagenda udapfuye ga Yonatani, Imana ibimpanire, mbere birushirije.

45 Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.

46 Maze Sauli arīgīra, areka gukurikira Abafilisitiya; Abafilisitiya na bo basubira i wabo.


Uko Sauli yanesheje abansi biwe

47 Sauli amaze kuja ku ngoma ngw aganze Abisirayeli, arwanya abansi biwe bose impande zose, Abanyamowabu n’Abamoni n’ Abanyedomu, n’abami b’i Zoba, n’Abafilisitiya; yagenda anesha aho yatumbera hose.

48 Akora ivy’ ubuhizi, anesha Abamaleki, arokora Abisirayeli, abakūra mu maboko y’ababanyaga.

49 Abahungu ba Sauli bāri Yonatani na Ishivi na Malikishuwa, kand’ abakobga biwe bompi, umukuru yari Merabu, umutoyi yari Mikali.

50 Muka Sauli yitwa Ahinowamu mwene Ahimasi; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Abuneri mwene Neri, se wabo wa Sauli;

51 Kishi ni we yari se wa Sauli, kandi Neri se wa Abuneri yari mwene Abiyeli.

52 Imisi yose Sauli yabayeho hābaye indwano zigoye hagati yabo n’Abafilisitiya; kandi Sauli, iy’ abonye umuntu wese w’amagara kandi w’umuhizi yaca amujana i we.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ