Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Korinto 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ukubūrana kw’Abakristo

1 Mbega har’ uwo muri mwebge yogira ic’ apfa na mugenzi we, akūbahuka kubūranira ku bagabitanya, ntābūranire ku bera?

2 Ntimuzi yukw abera ari bo bazocira ab’ isi urubanza? Kandi kw ari mwebge muzocira ab’ isi urubanza, none ntimubereye guca imanza nto‐nto?

3 Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza? None ntiturushiriza kuba abo guca imanza z’ivy’ ubu bugingo?

4 Nuko, iyo mufise imanza zo gucibga z’ivy’ ubu bugingo, mbega mushirah’ abatagira ico bamariye ishengero ngw abe ari bo bazica?

5 Mbivugiye kubatētereza. Mbega vyoshoboka yuko muri mwebge hatagira umunyabgenge n’umwe yoshobora gucira urubanza bene Se?

6 Ariko mwene Data akabūrana na mwene Data wundi, kandi bakabūranira no ku batizera!

7 Mbere n’ubu har’ ico muhomvye rwose, kuko musubiranamwo mukabūrana. Ntimwopfuma mugirirwa nabi? Ntimwopfuma mwemera kugungwa?

8 Ariko ni mwebge mugiriranira nabi, mugungana, kand’ abo mugirira murtyo ni bene So.

9 Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,

10 cank’ ibisuma, cank’ abifuza, cank’ imborerwa, cank’ abatukana, cank’ abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.

11 Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Imibiri yacu n’ingingo za Kristo

12 Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe.

13 Ivyo kurya n’ivy’ inda, n’inda n’iy’ ivyo kurya; yamar’ Imana izobikūraho vyompi. Ariko, imibiri yacu s’iyo gushakana, mugabo n’iy’ Umwami wacu, kand’ Umwami n’uw’ imibiri yacu.

14 Kand’ Imana yazuye Umwami, natwe nyene izotuzurisha ubushobozi bgayo.

15 Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi? Biragahera.

16 Ntimuzi yuk’ uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’ umubiri umwe na we? Kuko yavuze, iti Bompi bazoba umubiri umwe.

17 Arik’ uwimatanije n’Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we.

18 Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.

19 Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,

20 kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ