1 Korinto 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ubusambanyi bg’ishano bgabaye mw ishengero ry’i Korinto 1 Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre. 2 Namwe mukīkakīsha, ntimubabare, nk’uko mwari mukwiye, kugira ng’uwakoze ico caha akūrwe muri mwebge. 3 Kubganje naho ntariho ku mubiri, ariko ndiho mu mpwemu, nahejeje gutsindisha uwakoze ibimeze birtyo nk’aho ndiho, 4 mw izina ry’Umwami Yesu mwebge n’impwemu yanje dukoranye dufise ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu, 5 guha Satani ūmeze artyo, kugira ng’umubiri wiwe uranduke, ubugingo bgiwe buze burokoke ku musi w’Umwami Yesu. 6 Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuk’ umwambiro muke wambira irobe ryose? 7 Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo. 8 Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri. 9 Nabandikiye muri ca cete ko mutivanga n’abasambanyi. 10 Ariko sinavuga abasambanyi bo mu b’iyi si, cank’ abifuza, cank’ abanyazi, cank’ abasenga ibigirwamana, kukw iyo biba birtyo mwari mukwiye kuva mw isi. 11 Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n’uwitwa mwene Data, namb’ ar’ umusambanyi, cank’ uwifuza, cank’ ūsenga ibigirwamana, cank’ ūtukana, cank’ ūborerwa, cank’ umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we. 12 Mpūriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebge mucira urubanza abo muri mwebge? 13 Arikw abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukūre umunyakibi muri mwebge. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi