Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Korinto 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ukwitwikira kw’abagore mu makoraniro

1 Munyigāne, nk’uko nanje nīgāna Kristo.

2 Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk’uko nabibahaye.

3 Ariko ndagomba ko mumenya k’umutwe w’umugabo wese ari Kristo, kandi k’umutwe w’umugore ar’ umugabo, kandi k’umutwe wa Kristo ar’ Imana.

4 Umugabo wese iy’ asenga cank’ avugishwa n’Imana umutwe wiwe utwikiriye, aba awuteye isoni.

5 Arik’ umugore wese iy’ asenga cank’ avugishwa n’Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni: kukw ari bimwe rwose no kumobga.

6 Ni hagira umugore atitwikira mu mutwe, bamukerere n’umushatsi: namb’ ar’ ibiteye isoni k’umugore akererwa umushatsi canke kw amobga ni yitwikire mu mutwe.

7 Umugabo ntakwiye kwitwikira mu mutwe, kukw ar’ ishusho y’Imana n’ubgiza bgayo: arik’ umugore n’ubgiza bg’umugabo.

8 Kuk’ umugabo atamutse ku mugore, arik’ umugore ni we yamutse ku mugabo.

9 Kand’ umugabo ntiyaremwe kubg’ umugore, arik’ umugore ni we yaremwe kubg’ umugabo.

10 Ni co gituma umugore akwiye kwambara mu mutwe ikimenyetso co kugabga, kubg’ abamarayika.

11 Ariko mu Mwami wacu, umugore agenda ku mugabo, ni ko n’umugabo agenda ku mugore.

12 Nk’uk’ umugore yamutse ku mugabo, ni k’umugabo avyarwa n’umugore: ariko vyose vyamuka ku Mana.

13 Ni mwiyumvire ubganyu uko biri. Mbega birakwiye k’umugore asenga Imana atitwikiriye mu mutwe?

14 Akameremere kacu mbega ntikabigisha yuk’ umugabo yotega umushatsi, womutera isoni,

15 kandi k’umugore, iy’ ateze umushatsi, uba ar’ ubgiza bgiwe? Kuko yahawe umushatsi ng’ube umwambaro wo mu mutwe.

16 Ariko namba har’ umuntu agomba kuvyura ibihāri, twebge ntidufise umugenzo nk’uwo, kandi n’amashengero y’Imana ntawufise.


Ukw ab’i Korinto bāgayishije ivy’ Ingaburo Yera

17 Arik’ uko mbabarira ibi, simbashima, kuko mudakoranira iciza, ariko mukoranira ikibi.

18 Ica mbere, iyo mukoraniye mw ikoraniro, numva yuko mwitandukanya, kandi ngira ngo muri bimwe‐bimwe vyoba ari ko biri.

19 Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.

20 Nukw iyo mukoranye, burya ntikuba ar’ukurya ingaburo y’Umwami wacu.

21 Kuko mu kurya, umuntu wese yisangiza ivyiwe agacura abandi: maz’ umwe agasonza, uwundi akaborerwa.

22 Mbega yemwe: ntimufise ingo zo kurīramwo no kunyweramwo? Canke mukēngēra ishengero ry’Imana, mugatētereza abadafise? Ndababgire iki? Ndabashime? Kur’ ivyo simbashima.


Paulo abibutsa uko Yesu yatanguje Ingaburo Yera

23 Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,

24 akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.

25 N’igikombe akigenza artyo, bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje; murahora mugira murtya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje.

26 Uko murya uwo mutsima kand’ uko munywera kur’ ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’ azozira.


Kurya Ingaburo y’Umwami wacu uko bidakwiye

27 Ni co gituma, umuntu wese azorya umutsima w’Umwami wacu, cank’ azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n’urubanza rw’uko yakēngereye umubiri n’amaraso vy’Umwami.

28 Arik’ umuntu yibaze ukw ameze, abone kurya kur’ uwo mutsima, no kunywera kur’ ico gikombe.

29 Kuk’ ūrya cank’ ūnywa, atamenye umubiri w’Umwami wacu, arya kand’ anywa ibimuzanira gutsindwa n’urubanza.

30 Ni co gituma muri mwebge benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kand’ abatari bake bakaba bārapfuye.

31 Arikw iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n’urubanza.

32 Arikw iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamwe n’ab’ isi.

33 Nuko, bene Data, uko mukoraniye kurya, murorērane.

34 Umuntu ni yasonza, ararya i we, kugira ngo ntimukoranire gutsindwa n’urubanza. Ibisigaye nzobiroranya aho nzozira.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ