Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

1 Korinto 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyabaye ku Bisirayeli vyatubereye akarorero

1 Bene Data, singomba ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bāri musi ya ca gicu, kandi yuko bose bāciye hagati ya ca kiyaga cigabanije,

2 bose bakabatirizwa kuba aba Mose mur’ ico gicu no mur’ ico kiyaga,

3 bose bagasangira vya vyo kurya vy’impwemu,

4 bose bagasangira vya vyo kunywa vy’ impwemu. Kuko bānywa ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara cāri Kristo.

5 Arikw abenshi muri bo, Imana ntiyabashimye, kuko bahonerejwe mu bugaragwa.

6 Arikw ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje.

7 Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.

8 Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hagapfamw’ abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.

9 Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.

10 Kandi ntimukidodombe, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n’umuranduzi.

11 Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.

12 Nuko rer’ uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe.

13 Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.


Duhunge ivyo gusenga ibigirwamana

14 Nuko, abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana.

15 Ndababgira nk’abanyabgenge; mwiyumvire ivyo mvuga, yukw ari ko biri.

16 Igikombe c’umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo? Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo?

17 Nk’uk’ uwo mutsima ar’ umwe, twebge, naho turi benshi, tur’ umubiri umwe: kuko twese dusangira umutsima umwe.

18 Murābe Abisirayeli ku rukoba: abarya ikimazi, mbega ntibasangira n’igicaniro?

19 Nukw ico mvuga n’igiki? Mbega mvuga yukw icaterekerejwe ikigirwamana ar’ ikintu, canke yukw ikigirwamana ar’ ikintu?

20 Ariko mvuga yukw ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babiterekereza abadayimoni, ntibabiha Imana: nanje singomba yuko musangira n’abadayimoni.

21 Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.

22 Cank’ Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?

23 Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose.

24 Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.

25 Izo zigurwa mw ibāgiro, mube muzirya ata co mubajije kubg’ ijwi ryo mu mutima:

26 kukw isi ar’iy’ Uhoraho, n’ibiyuzuye.

27 Umuntu wo mu batizera ni yabahamagara, mukagomba kugenda, ico bazoshira imbere yanyu cose, mube mukirya, ata co mubajije, kubg’ ijwi ryo mu mutima.

28 Ariko ni hagira umuntu ababgira, at’ Ico n’icāterekerejwe: ntimukakirye, kubg’ uyo abiseruye, no kubg’ ijwi ryo mu mutima.

29 Arik’ umutima mvuze s’uwawe, n’uwa wa wundi. N’iki gituma ukwidegemvya kwanje guhinyurwa n’umutima w’uwundi?

30 Ko ndya mbishimiye, n’iki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?

31 Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.

32 Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:

33 nk’uko nanje nnezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimmarira ubganje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ