1 Abami 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Gutanga kwa Dawidi 1 Igihe ca Dawidi co gutanga kigira gishike, abarira umwana wiwe Salomo ivyo azokora, 2 ati Ngiye kujana inzira ab’ isi bose bajana; nuko shikama, ube umugabo nya mugabo. 3 Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose; 4 ng’ Uhoraho az’ ashitse ijambo yamvuzeko, kw abana banje ni bitonda mu ngeso zabo, bakagendera imbere yiwe mu vy’ukuri, uhereye mu vyiyumviro vyabo no mu mitima yabo, yavuze ngo ntihazobura mu banje uwo kuja ku ngoma y’Abisirayeli. 5 Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto. 6 Ubgenge bgawe buze bukurōngōre mu vyo uzomugirira, ariko ntuze wemere kw azomanukana imvi ziwe ngw aje mu mva amahoro. 7 Ariko bene Baruzilayi Umugileyadi uz’ ubagirire neza, ubashire mu barīra ku meza yawe; kuko na bo bangiriye neza igihe nari narahunze mukurwawe Abusalomu. 8 Mugabo harih’ uwundi ngaho, ni Shimeyi mwene Gera, Umubenyamini w’i Bahurimu, yantutse ibitutsi bibi, umusi naja i Mahanayimu; ariko hanyuma amanuka kuri Yorodani kunsanganira, ndamurahira Uhoraho yuko ntazomwicisha inkota. 9 Ariko rero wewe ntuz’ ugende utamuhannye; kuk’ ur’ umunyabgenge, uzomenya uk’ ukwiye kumugenza; uz’ utume amanuka mu mva imvi ziwe zirikw ibitenga vy’amaraso. 10 Nuko Dawidi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa i we. 11 Kand’ imyaka Dawidi yamaze ku ngoma aganza Abisirayeli yari mirongwine, kuko yamaze imyaka ndwi aganziriza i Heburoni, akamara n’ iyindi mirongwitatu n’itatu i Yerusalemu. Salomo amaze kwima yica Adoniya 12 Nuko Salomo asubira ku ngoma ya se Dawidi, ubgami bgiwe burahangama. 13 Maze Adoniya umwana wa Hagita ashikīra Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba aramubaza, at’ Ugenzwa n’ amahoro? Na we at’ Ego me n’ amahoro. 14 Kand’ ati Ndagusavye ijambo. Na we at’ Ego me vuga. 15 Aramubarira, at’ Urazi yukw ingoma yar’ iyanje, kukw Abisirayeli bose bari bampanze amaso, ngo ni jewe nzoba umwami. Ariko hanyuma ingoma irahinduka, iba iya murumunanje, kuk’ Uhoraho ari we yayimuhaye. 16 None rero, har’ ico ngusaba: kandi ntukinyime. Aramwishura, ati Kivuge. 17 Aramubarira, ati Ndakwinginze, nsabira umwami Salomo, kukw adashobora kukwima, ampe Abishagi w’i Shunemu, ndamucūre. 18 Batisheba aramwishura, ati Nuko, ndakuvugira ku mwami. 19 Nuko Batisheba aragenda ashikīra umwami Salomo, kugira ngw avugire Adoniya. Umwami aca ahaguruka ngw amusanganire, aramwunamira; araheza asubira kuvyagira ku ntebe y’ubgami, avuga ko bazanira umugabekazi intebe; nuk’ umugabekazi yicara i buryo bgiwe. 20 Aravuga, ati Har’ ico ngusaba gitoya, ntukinyime. Umwami aramwishura, ati Kimbarire nyina wanje, sindakikwima. 21 Aramubgira, ati Adoniya mukurwawe n’ahabge Abishagi w’i Shunemu, amucūre. 22 Arik’ umwami Salomo yishura nyina, ati N’iki gitumye usabira Adoniya Abishagi w’i Shunemu? Erega n’umusabire n’ingoma, kukw ari mukurwanje! Mber’ uyisabire na Abiyatari umuherezi na Yowabu umwana wa Seruwiya! 23 Maz’ umwami Salomo arahira Uhoraho, at’ Ijambo Adoniya avuze, ni ritamucisha umutwe, Imana iz’ ibimpanire, kandi birushirije! 24 Nuko rero ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho yanshize ku ngoma ya data Dawidi, akantereka, akampindura inzu nk’uko yasezeranye, n’ukuri uyu musi Adoniya akagenda batamwishe! 25 Nuk’ umwami Salomo arungika Benaya mwene Yehoyada, amutsindaho, arapfa. 26 Maz’ umwami abarira Abiyatari umuherezi, ati Hoji genda, subira i Anatoti mw ishamvu yawe; war’ ukwiye gupfa, arik’ ubu sinkwica, kuko wagenda ureruye isandugu y’Uhoraho Imana imbere ya data Dawidi, kandi kuko wababarana na we mu vyamubabaje vyose. 27 Uko ni ko Salomo yirukanye Abiyatari mu buherezi bg’Uhoraho, ngw ashitse ijambo Uhoraho yari yaravuze ku nzu ya Eli i Shilo. Salomo yica Yowabu 28 Nukw inkuru zishika kuri Yowabu; kandi Yowabu yari yarafatanije na Adoniya, nah’ atāfatanije na Abusalomu. Nukw aca ahungira mw Ihema ry’ Uhoraho, yumira ku mahembe y’igicaniro. 29 Maze babgira umwami Salomo, bati Yowabu yahungiye mw Ihema ry’Uhoraho, ubu ari ku gicaniro. Nuko Salomo arungika Benaya mwene Yehoyada, aramubarira, ati Genda umwice. 30 Nuko Benaya aragenda, aja mw Ihema ry’Uhoraho, aramubarira, at’ Umwami agize ngo Sohoka. Na we at’ Ekaye, ndagwa ngaha. Nuko Benaya aragenda, abarira umwami ivyo Yowabu yavuze n’ingene yamwishuye. 31 Umwami aramubarira, ati Genda ubigenze uko yavuze, umutsindeho, umuhambe, kugira ng’ ukūre kuri jewe no ku nzu ya data amaraso yavishije adafise inyanduruko. 32 Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda. 33 Uko ni kw amaraso yabo azosubira ku mutwe wa Yowabu no ku mitwe y’uruvyaro rwiwe ibihe vyose; ariko kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe n’inzu yiwe n’ingoma yiwe hazoba amahoro ava k’Uhoraho ibihe vyose. 34 Nuko Benaya mwene Yehoyada aradūga, amutsindaho, aramwica; bamuhamba mu rugo rwiwe bgite rwari mu bugaragwa. 35 Maz’ umwami ashira Benaya mwene Yehoyada mu gishingo ca Yowabu ngw abe umugabisha w’ingabo, ashira na Sadoki umuherezi mu gishingo ca Abiyatari. Ingene Shimeyi yapfuye 36 Maz’ umwami atumiza Shimeyi, aramubarira, ati Ni wiyubakire inzu i Yerusalemu, uyibemwo, ntuz’ uyivemwo ng’ ugire ahandi uja na hamwe. 37 Umusi wayivuyemwo, ukajabuka umugezi Kidironi, umenye neza k’ utazobura gupfa; amaraso yawe azoba ari wewe aja ku mutwe. 38 Shimeyi yishura umwami, at’ Ivyo umbgiye ni vyiza; uk’ uvuze, mwami wanje nyen’ ingoma, ni ko nzobigenza, jewe umusavyi wawe. Nuko Shimeyi aba i Yerusalemu igihe kirekire. 39 Hahise imyaka itatu, abagurano babiri ba Shimeyi baracika, baja kwa Akishi mwene Mayaka umwami w’i Gati. Bukeye babarira Shimeyi, bati Ba bagurano bawe bar’ i Gati. 40 Shimeyi arahaguruka, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, aja i Gati kwa Akishi kurondera abagurano biwe; nukw aragenda abakūra i Gati. 41 Maze Salomo abarirwa ko Shimeyi yavuye i Yerusalemu akaja i Gati, akagaruka. 42 Nuk’ umwami atumiza Shimeyi, aramubaza, ati Mbega sinakwatse indahiro y’Uhoraho, nkakwihanikiriza rwose, nt’ Umenye neza yuk’ umusi uzovayo, ukagira ah’ ucarukira na hamwe, k’utazobura gupfa? Ukanyishura yukw ivyo mvuze ari vyiza, k’ uvyumvise? 43 None n’iki cakubujije kwitondera indahiro y’ Uhoraho n’icagezwe naguhaye? 44 Umwami atakw abarira Shimeyi, at’ Urazi mu mutima wawe ibibi vyose wakoreye data Dawidi, ni co gituma ivyo bibi vyawe Uhoraho agira abigusubize ku mutwe. 45 Ariko jewe umwami Salomo nzohabga umugisha, kand’ ingoma ya Dawidi izohangama imbere y’ Uhoraho ibihe vyose. 46 Nuk’ umwami agera Benaya mwene Yehoyada kumwica; na we arasohoka, amutsindaho, arapfa. Uko ni ko Salomo yahangamye ku ngoma. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi